Abadandaza umubiri mu gisagara ca Bujumbura basabwa ku bihagarika vuba mu ntumbero yo guhangana n’indwara y’ibihere vy’inkende iriko irarandagata mu gihugu nkuko vyaraye bishikirijwe n’umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca.

Mu nama yo ku musi w’ejo y’abafise uruhara bose mu kurwanya ikiza C’akaranda gakomoka k’unkende mu bisata vyose bigize igihugu yari irongowe n’umushikiranganji wa Mbere Gervais Ndirakobuca bararabiye hamwe aho ico kiza kigeze n’ingongo zikwiye gufatwa mu guhangana n’ico kiza.
muvyapfunditswe nuko abadandaza umubiri bose mu gisagara ca Bujumbura basabwa kubihagarika vuba,kurya inyama z’ibikoko vyo mwishamba bisabwa guhagarikwa,uruhara rwa L’Etat ni ntangere mu gukurikirana ivyo isuku hamwe no gusubizaho ibikoresho birimwo amazi yo gukaraba n’isabuni mu bibanza bihuriramwo abantu benshi.
Gushika kuwa 31 myandagaro 2024 abantu 313 nibo bari bamaze kwandura ico kiza nkuko vyashikirijwe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu Lyduine Baradahana.





Recent Comments