UBM News ads

Umugambwe CODEBU uremeza ko ata muntu azosubira kubiba amajwi mu matora yimirije

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umugambwe CODEBU iragi rya Ndadaye urakurira inkoni ku gishitsi abiteze gutsinda amatora babanje guhinyanyura mu kwiba amatora ya 2025 na 2027 ko bitazokunda.
ibi yabishikirije ku musi w’Imana mu ntara nshasha ya Bujumbura


Umugambwe CODEBU waratunganije ikoraniro kaminuza mu ntara nshasha ya Bujumbura mu ntumbero yo kuraba uko bohangana no kwitegurira amatora yimirije ya 2025 na 2027.

Muri iryo koraniro umugambwe CODEBU wamenyeshejeje ko ubusuma bwama bwibonekeje mu matora bitazosubira na gato.nkuko vyashikirijwe na Keffa Nibizi arongoye uwo mugambwe yagize ati:”Abantu biteze gutsinda amatora ya 2025 na 2027 bahinyanyuye ntibizokunda hari umurongo utukura.”

Umugambwe CODEBU waragarutse kandi ku ntererano iriko iratozwa mu gihugu cose bikozwe n’umugambwe Cndd-fdd aho bamenyesha ko ivyo bari gukora biteye kubiri n’amategeko bakavuga ko intererano itangwa n’umunywanyi gusa atari abarundi bose.muri CODEBU bakaba basavye abanywanyi bawo ko nabo botanga intererano mu ntumbero yo guhangana n’umugambwe Cndd-Fdd uri kubutegetsi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments