UBM News ads

Ikibazo c’isuku Evariste Ndayishimiye yacifatiye mu ntoki

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ntawemerewe guhonyoza ikirenge muri biro uyu musi kiretse abaganga n’abacamanza.bose basabwa kubanza gukora isuku mu bibanza bakoreramwo nkuko umukuru w’igihugu yabitangaje kuri uyu wa gatandatu.

Abakorera muma biro atandukanye mu gisagara ca Bujumbura no mu Gihugu cose ngo ntibemerewe kwinjira mu biro guhera kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 12/8 batabanje gusukura ibibanza vyubatswemwo inyubakwa bakoreramwo.

Ivyo vyashikirijwe n’umukuru w’Igihugu Evariste NDAYISHIMIYE kuri uyu wa 6 inyuma yo kugendera ibibanza bitandukanye mu gisagara ca Bujumbura aho yagiye aregeranya imicafu yahasanze. Yamenyesheje ko ari ibiterasoni kubona igisagara cuzuyemwo umucafu no mu bibanza yari azi ko vyiyubashe.

Ati Uburundi ntibushobora gushika ku mbonakazoza y’2040 n’ 2060 mu gihe abarundi badahinduka ngo bavavanure n’umwanda,akababazwa n’uko indongozi zari kuba akarorero nazo nyene zititaho isuku.Yasavye ko kiretse abaganga n’abacamanza,abandi bose bosubira guhonyoza ikirenge mu biro aruko basukuye aho barangurira imirimo, ngo abazobirengako nabo akazobisohorera we nyene.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments