Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye amenyesha ko mu kiringo c’imyaka 2 gusa uburundi buzoba bufise amahinguriro 71 ahingura ubutare mbere ko uyu mwaka turimwo uzohera hubatswe amahinguriro 3.Evariste Ndayishimiye akamenyesha ko mu kiringo c’imyaka 2 ata kintu uburundi buzoba busumira hanze ahubwo abanyamahanga bazoza gusumira mu Burundi.ibi akaba yaraye abishikirije mu gusozera ihiganwa inkerebutsi day ryabereye kuri cercle hyppique ku musi w’ejo

Mu gusozera ihiganwa inkerebutsi day ryaraye ribereye kuri cercle hypique mw’ijoro ryo ku musi w’ejo,umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yaraye atangaje ko mu kiringo c’imyaka 2 uburundi buzoba bufise amahinguriro 71 ahingura ubutare mbere ko uyu mwaka turimwo uzohera 3 hamaze kwubakwa.
Umukuru w’igihugu amenyesha ko yipfuza kubona uburundi ari igihugu giteye imbere ata murundi numwe aja gusumira hanze ahubwo abanyamahanga aribo baza gusumira mu Burundi.
Evariste Ndayishimiye akamenyesha kandi ko afise umugambi wogukoranya urwaruka rwose ruciye ubwenge aho ruri hose kugira bige uko bashobora gucukura ubutare.
Nayokuvyerekeye umuyagankuba usabwa kugira himbwe ubwo butare,umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye avuga ko uburundi bufise amazi menshi cane kandi ko ummwe mu rwaruka rukorera hanze yamaze gutahuka avuye mu bufransa aje gukora ingomero z’umuyagankuba kandi ubu ari kukivi kandi hakaba hariho uwundi amaze kwerekana ubuhinga bwo gukora umuyagankuba ata mazi akoresheje.





Recent Comments