Umukuru w’igisagara ca Bujumbura Jimmy Hatungimana yaraye amenyesheje ko abakora urudandanzwa rwo mw’ibarabara cane abandandaza ivyamwa,ibigori vyokeje,ibiyoba,ibikaju n,ibndi ko bagiye gutuzwa burundu mu gisagara ca Bujumbura.Akaba ari mu ntumbero yo kugira igisagara gisukuye.Ibi bikaba vyaraye bipfundikiwe mu nama yabaye ku musi w’ejo irongowe n’umukuru w’igisagara Bujumbura hamwe n’abajejwe intwaro n’abajejwe isuku.

Kumusi w’ejo igenekerezo rya 7 myandagaro 2024,Umukuru w’igisagara ca Bujumbura Jimmy Hatungimana yarakoresheje inama ari kumwe n’abajjwe intwaro hamwe n’abajejwe ibibazo vy’isuku mu gisagara kugira barabire hamwe uko igisagara ca Bujumbura cobandanya gusukurwa.
Muri iyo nama bakaba bapfunditse ibi bikurikira:
1.Abantu bose bakora urudandanzwa rwo mw’ibarabara cane cane abadandaza ivyamwa,ibigori vyokeje,ibiyoba n’ibindi bagiye kuranduranwa n’imizi mu gisagara ca Bujumbura bafashanije n’igipolisi hamwe n’abajejwe intwaro.
2.Gutegura ama nama y’abajejwe gukura imicafu muntumbero yo gushiraho uko imicafu bakuye mu makanivo itwarwa mu bibanza yagenewe.
3.Gushiraho ibikorwa muri wa kane bihariwe ibidukikije
Umukuru w’igisagara ca Bujumbura Jimmy Hatungimana yaraye amaenyesheje kandi ko icatumye afata ingingo ibuza urundandazwa rw’amakaye iruhande y’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura ko ari mu ntumbero yo kurwanya imicafu mu gisagara ca Bujumbura kuko rurya rudandazwa rutera isuku rike mu gisagara kandi hasanzwe hari umugambi wo kurwanya umucafu mu gisagara ca Bujumbura wiswe zéro dechets.





Recent Comments