Félix Tshisekedi arongoye Leta iharanira intwaro rusangi ya kongo yaraye atanganje ko atazokwigera aganira n’umuhari m23 mu gihe cose azoba akiri Prezida wa RDC.kubwiwe ngo agiye kuganira na Prezida Paul Kagame amubaze ico apfa n’abanyagihigu ba Kongo.Ibi yaraye abitangaje ku musi w’ejo igenekerezo rya 6 myandagaro 2024 mu gihugu c’ububiligi aho ari kwivuriza.

Umukuru w’igihugu Félix Tshisekedi iyo ari kwivuriza mu gihugu c’ububiligi yaraye asubiye gutangaza ko atakwigera aganira canke ngo yicarane na rimwe n’umuhari m23 mu gihe cose azoba akiri prezida wa RDC.
Mu gihe yariko aganira na Top Congo FM ku bibazo bitandukanye biri mu gihugu,umukuru w’igihugu Felix Thisekedi yagize ati:«Igihe cose nzoba nkiri prezida wa RDC nta na rimwe nzokwigera nganira canke ngo nicarane n’umuhari m23.»
Naho biri uko Prezida Felix Tshisekedi yemeza ko agiye kuganira na Prezida paul kagame amubaze ico apfa n’abanyagihugu ba Kongo.yagize ati:«Ngiye kubaza prezida Paul Kagame ico apfa n’abanyagihugu banje».
Felix Thisekedi yaragirije uwahoze ayoboye Leta iharanira intwaro rusangi ya Kongo Desire Kabila kuba nawe ashigikiye umuhari m23 mu bikorwa vyo guhungabanya umutekano mu buseruko bwa Kongo.





Recent Comments