Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Leta y’uburundi , Alain-Guillaume Bunyoni kuva ku muhingamo wo kuri uyu wa kabiri abarizwa mw’ibohero rikuru rya Gitega. Yavanywe mw’ibohero rikuru rya Ngozi yaramazemwo imisi aherekejwe n’abapolisi isinzi bafise ibikoho bininibinini bose barikanuye nkuko vyemezwa n’abacungera ibohero rikuru rya Gitega bavyiboneye.

Nk’igihe c’isaha icenda zo kuri uyu wa kabiri , niho imodoka y’igipolisi yo mu bwoko bwa pick-up irimwo Alain-Guillaume Bunyoni akikujwe n’abapolisi isinzi co kimwe n’iyindi modoka yuzuye abapolisi barikanuye vyashika kw’ibohero rikuru rya Gitega. Bunyoni akaba mw’iryo bohero yahasanze Colonel de police Desire Uwamahoro ahapfungiwe kuva mu kwezi kwa Rusama 2023 aho bivurwa ko yoba yahowe kuba yaraburiye Gen Bunyoni igihe bagire baje kumufata. Abo bagabo babiri bapfungiwe mu kibanza kidasanzwe nkuko amasoko yacu abitumenyesha. Ayo masoko akavuga ko ari ivyumba bibiri vy’impome zifise intimbatimba za sentimetero 50, bipima imetero zine kuri zine bikaba bifise ubwogero n’ubwiherero.
Tubamenyeshe ko mu ndwi iheze mu kiganiro c’abavugizi b’inzego za Leta cabereye mu ntara ya Muramvya, Umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa yatangaje ko iruhande y’ivyaha vyo guhungabanya umutekano w’igihugu, uguhungabanya ubutunzi bw’igihugu no kurondera inyungu z’akazi bidaciye mu mategeko, ubu hiyongeyeko ibindi vyaha vyo gutuka umukuru w’igihugu no gutunga ibirwanisho atabifitiye uburenganzira. Ivyo vyaha rero bishobora guhanishwa gupfungwa umunyororo w’imyaka 30 hisunzwe igitabu mpana vyaha c’uburundi.





Recent Comments