Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter,umukobwa w’uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Alain-Guillaume yaraye amenyesheje ko umuryango wa Bunyoni utewe umutima uhagaze ku kuntu se rugo wabo abayeho ndetse n’amagara n’umutekano bike biriko bimubonekako kuva ahagaritswe mu nyuma agatabwa muri yompi. Darlene Bunyoni yabitangaje ejo inyuma yaho se wiwe yimuriwe gupfungirwa mw’ibohero rikuru rya Gitega avanywe mw’ibohero rya Ngozi aho yaramazeyo amezi arenga gato abiri.
Darlene Bunyoni yagize ati :«Inyuma yo kwumvirizwa akatari gake, twamenyeshejwe ko Bunyoni ariko yimurirwa mw’ibohero rikuru rya Gitega.(…) umuryango wiwe ntiwigeze ubimenyeshwa. Tukaba tutewe impungenge ku mutekano wiwe. Ntidutewe impungenge gusa ku mutekano wiwe gusa, turatewe kandi impungenge ku magara yiwe ndetse n’uko abayeho. Twarasavye akatari gake ko urubanza rwiwe rwo buranishwa ku mugaragaro ariko ntacavuyemwo. Umushikiranganji w’ubutungane ntiyategerezwa gukoreshwa ku nyungu ziwe bwite»
Tubamenyeshe ko Alain-Guillaume Bunyoni apfunzwe yagirizwa ivyaha bitatu arivyo: guhungabanya umutekano w’igihugu, uguhungabanya ubutunzi bw’igihugu hamwe no kurondera inyungu z’akazi bidaciye mu mategeko. Ubu hakaba haraye hiyongeyeko ibindi vyaha vyo :gutuka umukuru w’igihugu hamwe no gutunga ibirwanisho atabifitiye uburenganzira.
Recent Comments