Mu ntara zitandukanye harimwo n’igisagara ca Bujumbura hamaze imisi hibonekeza ubukene bw’ikinyobwa ca Fanta gihingurwa n’ishirahamwe BRARUDI. Benshi mu bategura imanza mw’iki gihe c’ici bahitamwo kugura imitobe ihinguye (jus) kugira bafashe kuzimana abatashobora kunywa inzoga zambiye.Ishirahamwe BRARUDI rihingura ico kinyobwa rikaba riri mu gacerere kw’ico kibazo.
Mu gisagara ca Bujumbura, nkuko tubibwirwa n’abanyagisagara ca Bujumbura ngo haraciye ukwezi ataco kinyobwa kiboneka mu ma depo ya BRARUDI asanzwe akiranguza buri musi. Ba nyene ayo ma depo ata nsiguro itomoye batanze babwira ababa baje kurangura ico kinyobwa ko ata mafanta ahari.
Ubwo bukene bw’ico kinyobwa bukaba buriko bukora cane cane ku batunganya imisi mikuru aho bivanye n’amadini basengeramwo bategekwa ko hanyobwa ibinyobwa bitagira umwambiro.
Umwe mu banyagisagara bavuganye n’ikinyamakuru Sos Médias Burundi agira ati :«Dutegerezwa kurondera ukundi twipanga mu nteguro y’imanza zacu. Ivyo bisaba uburyo bwiyongera ku bwari bwategekanijwe»
Eka no mu ntara ya Gitega nikwo kw’uko, ico kinyobwa biravurwa ko gisa nicabuze burundu . Hamwe hamwe mu ma manza yo gukaraba, kuganduka canke guca ku mazi basigaye bakoresha amazi ahinguye mu kibanza ca fanta, abandi nabo bifise bakoresha imitobe iva mu gihugu ca Tanzaniya .
Mu ntara ya Makamba, haraciye ikiringo c’ukwezi ata kinyobwa ca Fanta kirangwa ku murwa mukuru w’iyo ntara. Abanyagihugu bo mw’iyo ntara basaba Leta hamwe n’ ishirahamwe BRARUDI gukemura ico kibazo maze ico kinyobwa gisubire kuboneka cane mw’iki gihe c’ici aho gikoreshwa cane.
Abahinga mu vy’ubutunzi basigura ko ubukene bw’amafaranga y’agaciro ariyo mvo ya mbere ituma ubukene bw’ibikorwa bijanye n’ubutunzi mu mashirahamwe y’uburundi mu bijanye no kurangura ibikoresho hanze y’igihugu (matières premières).
Recent Comments