UBM News ads

«Hamwe igitoro cobandanya kibura ukwo tubibona turahakwa gusivya urubanza rwo kuganduka ku muvyeyi wacu» Bivurwa n’umwe mu bariko bategura urwo rubanza mu Rutana.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ubukene bw’igitoro bubandanya bwibonekeza mu mihingo yose igize igihugu c’uburundi. Aho bigeze ubu, benshi mu banyagisagara ca Bujumbura canke abava mu ntara za ruguru biriko bibagora kwiyunguruza mu kwitabira imanza ziba mu gihe c’ici. Umwe mu banyagihugu bo ku murwa mukuru w’intara ya Rutana ariko ategura urubanza rwo kuganduka ku muvyeyi wiwe kuri uyu wa gatandatu w’iy’indwi twatanguye amenyesha ko hamwe igitoro co mu bwoko bwa essence cobandanya kibura nkuko ariko abibona , bahakwa gusivya urwo rubanza bitewe n’uko abazorwitabira bazova mu mihingo itandukanye harimwo no mu gisagara ca Bujumbura, bigatuma bashobora gusiba kubera ukubura ukwo bazokwiyunguruza mu gushika mw’ico kibanza.

Izina ryiwe twarihinduye ku mvo z’umutekano wiwe, twamwise Ndayikengurukiye Ambroise yatwiganiye n’umwiheburo mwishi agira ati :
« Ndavye ivyabaye kuwa gatandatu kuri parking yo kuri COTEBU aho abantu babuze imiduga ibadugana ruguru mu manza, vyatumye natwe mu muryango wacu twoba turiyakira canke tukagira ingingo dufashe. Hamwe ico gitoro cobandanya kibura nkuko tubibona, turahakwa gusivya urubanza rwo kuganduka ku muvyeyi wacu. None ko abazokwitabira urwo rubanza ahanini bazova i Bujumbura, abandi za Bururi, Gitega na Ruyigi, mwumva tuzorukora gute? Turarindiriye Leta ico ikora kw’ico kibazo. Hamwe atocokorwa naho n’uko naho, Kuwa gatatu tuzobona ikibereye ko ari ukurusivya canke rwitabwe n’abazoba bahashitse ukwo bazoba bangana kwose».

Tubamenyeshe ko haciye ikiringo cababa hafi imyaka ibiri haguma havurwa ubukene bw’igitoro mu gihugu c’uburundi. Abategetsi b’uburundi ntibatanga umwizero n’umwe kw’ico kibazo. Baguma batanga ibiringo bitagira aho biherera ndetse n’insiguro z’iryo bura ry’ico kidandazwa zidatomoye. PARCEM, rimwe mu mashirahamwe yigenga akorera mu gisata c’ubutunzi riherutse gusaba ko hoba inama yihutirwa kw’ico kibazo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments