UBM News ads UBM News ads
Thursday, May 23, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Abasirikare b’uburundi barenga 500 bari mu gihugu ca Somaliya nibo bategekanijwe kugabanywa gushika mu ntango z’ukwicenda.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abasirikare bangana 3000 bari mu gihugu ca Somaliya nibo bategekanywa kugabanywa gushika mu ntango z’ukwezi kw’icenda mu nteko zose za ATMIS. Igihugu c’uburundi kikaba kiri mu bihugu bifise abasirikare muri Somaliya gitegekanya igabanywa ry’abasirikare barenga 500. Bamwe mu basirikare b’abarundi bari muri somaliya bakaba bafise amakenga kuko bimwe mu birindiro vyahorako inteko za ATMIS bizoca bihebwa maze bigatuma abarwanyi ba Al-shabab bagira inguvu.

Abo basirikare bagiye kugabanywa kuva mu kwezi kw’indwi gushika mu ntango z’ukwicenda bose hamwe ni 3000 nkuko urwandiko rwarungikiwe abarongoye inteko za ATMIS ruvyerekana. Igihugu c’ubuganda kizogabanya abasirikare barenga 900. Igihugu ca Ethiopia naco kikazogabanya abarenga 600, igihugu ca kenya naco abari musi ya 600, Uburundi bukazogabanywa abarenga 500 nayo igihugu ca Djibouti naco kikazogabanya abari musi gato ya 300. Abo basirikare b’ubumwe bwa Afrika mu rwego rwa ATMIS bazoba basigaye abarenga gato 13000 mu gihe kino gihe baharurwa mu 16000 birenga.

Bamwe mu basirikare b’uburundi bavuga ko hariho ibirindiro bahorako bifutwa ahandi naho bakagomborwa n’abasirikare n’abapolisi b’igihugu ca somaliya . Bavuga ko bafise amakenga kw’ivyo birindiro basize bishobora guha akaryo kuri Al-shabab ko kwisunganya mu gukora ibindi bitero.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments