Umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo Cyrille Ramaphosa yaraye amenyesheje ko mugenzi we w’igihugu c’uburusiya Vladmir Poutine yitezwe mu nama ya BRICS mu kwezi kuza. Ariko Kremlin ntiratomora neza nyimba Perezida Poutine azokwitabira inama canke akayitabira mu bundi buryo.

Nkuko tubikesha ibinyamakuru bitandukanye vyo mu gihugu ca Afrika y’epfo, n’uko kuri uyu wa gatandatu, Perezida Cyrille Ramaphosa na Vlamir Poutine baganiriye biciye kw’iterefone ku bibazo bitandukanye. Ni inyuma y’imisi mike isigaye kugira hatangure inama ya BRICS izobera mu gisagara ca Johannesburg, muri Afrika y’epfo kuva kuwa 22 gushika kuwa 24 Myandagaro 2023.
Umuvugizi w’ibiro vy’umukuru w’igihugu c’uburusiya, Dmitri Peskov yatangaje mw’iy’indwi turiko tusozera ko uwo avugira atarafata ingingo nyimba azokwitabira ubwiwe mw’iyo nama ya BRICS canke nyimba yoyitabira mu bundi buryo. «Tuzobamenyesha hamwe Perezida azoba yahejeje gufata ingingo» Niko Peskov yamenyesheje.
Tubibutse ko Perezida Poutine aheruka gushirwako umutahe mpuzamakungu wa CPI kubera amabi yagirizwa gukorera mu gihugu ca Ukraine. Abanyepolitike bo muri Afrika y’epfo ntibahuriza kumwe ku bijanye no gufata Perezida w’uburusiya hamwe yohonyoza ikirenge mw’ico gihugu mw’iyo nama ya BRICS.





Recent Comments