Kuva mu gatondo ko kuri uyu wa gatandatu, nta muntu numwe yemerewe gukora umurimo uwo ariwo wose mu gisagara ca Bujumbura harimwo no kudandaza. Bamwe mu banyagisagara twavuganye bavuga ko hari kujayo abavyipfuza nayo abakeneye kwikorera imirimo yabo bakabandanya bayikora.

Ku musi wa gatanu inyuma y’umuhingamo niho abantu bari mu biro vy’umupfasoni w’umukuru w’igihugu bagenda baratangaza abanyagisagara ca Bujumbura mu gihe baca mu ma karitiye atandukanye ko bahamagariwe aho bukera kuri uyu wa gatandatu kuja ku ma barabara Angeline Ndayishimiye azocamwo kuva ku kibuga c’indege ca Bujumbura gushika ku kirimba.
Umwe mu ba nyagisagara ca Bujumbura twavuganye n’agashavu kenshi kubera ukuntu bahohotewe kugira baje ku mabarabara bategeye umutambukanyi w’umukuru w’igihugu yagize ati:«Twebwe tubona ko bariko baduhohotera . yego ni vyiza ko umutambukanyi w’umukuru w’igihugu aronka udushimwe ariko ntivyoca biza gusigura ko duca duhagarika ubuzi ngo tugiye kumukomera amashi. Mu bisanzwe ntitwagerezwa kwerekana ko tunezerewe ku nguvu. Bari kureka basi abavyipfuza bakajayo nayo abakeneye kwikorera imirimo yabo ibatunze bakabandanya bayikora»
Tubamenyeshe ko Angeline Ndayishimiye , umutabukanyi w’umukuru w’igihugu c’uburundi atahuka kuri uyu wa gatandatu avuye mu gisagara ca New-york muri Leta zunze ubumwe za Amerika aho yari yagiye gutora agashimwe ka ONU kitiriwe abanyagihugu.





Recent Comments