Ishirahamwe rihamagarira abarundi guhindura ingendo kugira bashike kw’iterambere rirama PARCEM ribona ko hakwiye inama yhutirwa ku kibazo c’igitoro hagati y’ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo amasoko ntanganguvu n’abahinga berwa ikibazo c’igitoro n’abajejwe intwaro kugira hatorwe inyishu kw’ico kibazo.

Faustin Ndikumana arongoye PARCEM agatangazwa no kubona ibihugu vyo mu karere k’ibiyaga binini nka Tanzaniya, na Congo bifise ico gitoro ariko mu Burundi ata kihari, ivyo navyo bikaba bimaze imyaka ibiri biguma vyibonekeza.
Uwo arongoye PARCEM akavuga kandi ko ico kibazo kirengeye Leta yonyene ko rero hakwiye kujamwo n’abahinga bagaterera ivyiyumviro.





Recent Comments