UBM News ads
Monday, October 2, 2023
No menu items!
UBM News ads

Bamwe mu barundikazi baheruka kujanwa gukora mu bihugu vy’abarabu baratabaza ko bari mu buzima bw’akaga.

UBM News ads

Bamwe mu barundikazi barwiriyemwo ahanini abigeme baheruka kurungikwa mu bihugu vy’abarabu gukorayo ubuzi bwo mu nzu baratabaza amashirahamwe yo mu Burundi yabarungitse ndetse na Leta y’uburundi kugira ibishoboka vyose abakure mu buzima bubi bashikiyemwo. Aha baravuga ko basanzwe barahenzwe ko ata buzi bashiyemwo gukora.

Mw’ireresi iriko ica ku mbuga ngurunabumenyi zitandukanye yatanzwe n’abo barundikazi bari mw’ivyo bihugu vy’abarabu, irerekana baryamanyeko abandi bahagaze barindiye ko bagenzi babo bavyuka bakababisa nabo bakaryama. Ikindi ngo kuronka ico bafungura biriko bibabana ingorane.

Umwe mw’abo barundikazi yavugiye mw’iyo reresi agira ati :« Nukuri kw’Imana ni murabe aha hantu turyamye ahantu nkaha. Aha hantu tugiye kuryama ngo igihugu kiturungitse ngo kurondera ubuzima . urumva ni ahantu bakorera mu gikoni.twaje turi abantu cumi dushikiye mu gikoni ahantu hameze nkuku. Batanu nibo baryamye abandi barahagaze.tugire no kurara ubusa tugire no kurara nabi, tugire no kubura akazi »

Ivyo bishitse mu gihe hari amakuru ariko atangwa avuga ko igituma abo barundikazi bariko bashika mw’ivyo bihugu vy’abarabu mu nyuma bakabura ubuzi ngo vyoba biriko biterwa n’uko bimwe mw’ivyo bihugu nka Arabiya Saoudite vyahisemwo kuronderera ahandi abo bigeme n’abapfasoni kubera uburundi ngo buzimba cane kw’abo barundikazi ni mu gihe mu bindi bihugu nka Ethiyopia, kenya na Ouganda babaronka ku giciro kitavuna. Iyindi mvo ngo yoba ari ukubera ko abarundikazi bajanwa mw’ivyo bihugu bigaragara ko bagendayo bafise ubumenyi buke na cane cane mu ndimi z’icongereza n’icarabu, ibituma abakoresha babo batabanezererwa cane .

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments