Inkuru imaze imisi iriko iravurwa mu binyamakuru bitandukanye vyo kw’isi ni iyijanye nuko umukuru w’igisagara ca Pedro Huamelula, Victor Hugo Sosa aheruka gusezerana imbere y’Imana n’abantu ko yubakanye n’ingona yitwa Alicia Adriana maze ikamubera umugore nawe akayibera umugabo. Ariko ngo ivyo vyabaye mu gihugu ca Mexique bifatwa nk’ibisanzwe kuko ngo kubana nk’umugabo n’umugore n’ingona bizanira amahirwe umugabo akagira itunga ritagira ukwo ringana.

Ni ibirori vyaranzwe n’akanyamuneza ntangere aho abari ngaho bakomera amashi abageni ndetse n’imvyino batamba batarika. Bikaba ivyo birori vyabereye mu gisagara ca San Pedro Huamelula , gisanzwe kirongowe na Victor Hugo Sosa. Muri ivyo birori vy’ubukwe, Victor Hugo yagize ati :«Nemeye kuzokubera umugabo kuko dukundana. Ni naco gikenewe . Ntitwokwubakanye ata rukundo . Niyemeje kuzobana n’igikomangomakazi canje»
Uwo mukuru w’igisagara ca San Pedro yubakanye n’ingona Alicia Adriana asanzwe afatwa nk’umwami w’abaryango w’abasangwabutaka izi nka chontal na Huave, aho iyo ngona nayo igiye gufatwa nk’igikomangomakazi ca Huave, bikaba biha insiguro y’ubumwe bw’iyo miryango ibiri.





Recent Comments