UBM News ads

RDC: Abanyagihugu bo muri teritware ya Masisi basaba ingabo z’uburundi gusubira iwabo kuko bigaragara ko zikorana na M23.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mw’ijoro ryo Ku musi wa kabiri, harabaye gutana mu mitwe hagati y’ingabo z’uburundi n’imihari y’abarwanyi yagiye hamwe yitwa Wazalendo ishigikiwe na Leta ya Congo. Bikaba vyabereye mu muji wa Sake ni mu ntara ya kivu y’uburaruko. Ni inyuma yaho abanyagihugu bo muri teritware ya Masisi bamaze imisi bagiriza izo ngabo z’uburundi ko zikorana n’abarwanyi ba M23 .

Abo banyagihugu bo mu muji wa Sake barasaba ko ingabo z’uburundi ziri mu butumwa bw’umuryango wa Afrika y’ubuseruko EAC gusubira mu gihugu cazo kuko biboneka ko ziriko zikorana n’umwansi ariwo M23.

Mw’iryo tana mu mitwe hagati y’ingabo z’uburundi na Wazalendo ryabaye kuri uyu wa kabiri , umuntu umwe akaba yarapfuye maze abantu umunani harimwo umusirikare umwe w’ingabo z’uburundi barakomeretse. Abanyagihugu bavuganye n’ijwi rya Amerika bavuga ko batagishaka no kubona imodokari zabo muri teritware yabo ya Masisi kuko ngo bigaragara koi zo ngabo za EAC zikorana vya hafi n’abarwanyi ba M23.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments