UBM News ads

RED-TABARA irabeshuza amakuru amaze imisi avurwa ko yinjiye ku butaka bw’uburundi.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umuhari RED-TABARA urabeshuza amakuru amaze igihe avugwa ko uyo muhari urwanya Leta y’uburundi winjiye ku butaka bw’uburundi . RED-TABARA mw’itangazo yasohoye kuri uyu wa kabiri, imenyesha ko ayo makuru yagiye aratangwa n’ubutegetsi bwa Gitega ku ntumbero yabwo yo gushaka kuguma ku butegetsi bukoresheje amayeri yose.


RED-TABARA yagize iti mw’iryo tangazo:«RED-TABARA iramenyesheje ko abarwanyi bayo bakwiye bari ku birindiro vyayo. Hamwe RED-TABARA yokora igikorwa, yovyemanga bikwiye kandi ku mugaragaro. Birya bihuha bifise intumbero yinyegeje itaja ahabona ubutegetsi bw’uburundi n’abo bucuditse hamwe bazi, mugabo bisanzwe bimenyerewe ko ari amayeri bakoresha mu gushaka kuguma ku butegetsi»

Tubamenyeshe ko haciye imisi havurwa amakuru ko abarwanyi b’umuhari RED-TABARA baheruka kwinjirira mu ntara za Bubanza na Cibitoke berekeza mw’ishamba rya Kibira bavuye mu gihugu kibanyi ca Congo. Ariko ayo makuru yagiye ahakanwa n’abategetsi batandukanye bo mw’izo ntara.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments