UBM News ads

Ubutaliyano bugiye gutangura kuzana mu Burundi imashine zirima kugira zifashe Leta y’uburundi mu bijanye n’uburimyi bwa kijambere.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Igihugu c’ubutaliyano kigiye gushigikira Leta y’uburundi mu bijanye n’uburimyi bwa kijambere. Bikaba vyaraye bitangajwe kuri uyu wa gatanu mu mubonano umushikiranganji wa mbere yagiranye n’intumwa zari zirongowe n’uwuserukira ubutaliyano mu Burundi.

Mw’izo ntumwa hakaba harimwo uwurongoye ishirahamwe risanzwe rihingura izo mashine zo kurima. Uwo nawe akaba yaramenyesheje ko bagiye kuraba ingene bazizana bakaziteraniriza mu Burundi. Kubwiwe, ngo bashaka gufasha Leta y’uburundi mu gisata c’uburimyi kugira ishobore gushika kw’ihangiro ry’uko umurundi wese aronke ico afungura.

Tubamenyeshe ko igisata c’uburimyi mu Burundi kimaze igihe gihanzwe n’ingorane nyishi , izo nazo zikava ku birere bigenda bihindagurika bigatuma abarimyi ivyo baba barimye ntivyimbuke nk’ukwo bavyipfuza, Ukudakoresha ubuhinga bugezweho nko kurimisha imashini za kijambere canke kuvomera imirima mu gihe c’ici hakoreshejwe ama mashini yabigenewe, umwavu wo gutabira isi umaze igihe utangwa nabi ku barimyi aho bakunda gucerwa mu guteragira ibiterwa bawurindiriye hamwe rero n’abafundi b’indimo bake abahari nabone biboneka ko babikora atabumenyi buhagije bahawe kandi n’ibikoresho bikwiye ntavyo bafise.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments