UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Reveriyano Ndikuriyo arongoye CNDD-FDD arasatiriwe na bamwe mu bagumyabanga bamwagiriza kuba adashigikiye bigaragara ibikorwa vya Perezida Ndayishimiye.

UBM News ads

Inyinyurana riri hagati y’umugambwe CNDD-FDD ahanini ririko riva ku murwi w’abagumyabanga ba CNDD-FDD ushaka gufata ibibanza haba mu ntwaro , mu rudandazwa , mu gisirikare no mu mugambwe habanje kwigiza inyuma abashizweho na Perezida Nkurunziza. Uwo murwi ubu usatiriye Reveriyano Ndikuriyo arongoye umugambwe bamwagiriza kuba adashigikira bigaragara ibikorwa biriko birangurwa n’umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye.

Amakuru ava mu mugambwe CNDD-FDD atumenyesha ko Iryo nyinyurana canke uruhigi rw’abahoze ari somambike ba Petero Nkurunziza ngo rwatanguye kuva Varisito Ndayishimiye ashitse ku ntebe y’umukuru w’igihugu. Uwambere yahitanywe n’urwo ruhigi yabaye Pascal Nyabenda, uwo ishaka rya Nkurunziza yari kuba umukuru w’igihugu iyo iryo shaka ryiwe ridatsindwa. Ayo makuru nyene akatwemeza ko mu ntara ya Bubanza Pascal Nyabenda avukamwo, Varisito Ndayishimiye ubwiwe ariwe yabujije ari mu nama mpanuzwajambo y’amakomine ya Bubanza gutora Pascal Nyabenda ngo abe umukenguzamateka wo mw’iyo ntara maze Umukenguzamateka wo muri CNL Daniel Bashemeze akaba ariwe Varisito Ndayishimiye yashimye ko atorwa mu kibanza ca Pascal Nyabenda.

Uwa kabiri uwo murwi ushigikiwe na Perezida Ndayishimiye wirutseko yabaye Alain-Guillaume Bunyoni yafatwa nk’umuzi canke ipfundo ry’abayoboka Nkurunziza. Naho bitoroshe ndetse bikanateba, Bunyoni uwo murwi waruhutse aruko umwinjije mw’ibohero rikuru rya Ngozi.
Ubu rero, uwo murwi ushigikiwe na Varisito Ndayishimiye uri ku rugamba wo gufata umugambwe mu kwagiriza Reveriyano Ndikuriyo awurongoye kuba adashigikira bigaragara umukuru w’igihugu muvyo bamwagiriza bikuru bikuru bikaba biri mu bice bitatu.

Ubwa mbere, ngo kuva Alain-Guillaume Bunyoni agiranye ingorane na Varisito Ndayishimiye , umugambwe ntiwigeze werekana aho uhagaze nkuko wahora ubikora iyo habaye impinduka zikomeye muri politike nkizo. Ubwa kabiri nkuko ayo makuru ava muri CNDD-FDD abandanya abimenyesha, ngo Reveriyano Ndikuriyo yaranse yuko aba CNDD-FDD bakira Varisito Ndayishimiye bamwigina kuwa 8 Ruheshi 2023 igihe yaravuye mu nama ya COMESA yari yatorewemwo kuba icegera ca kabiri c’uwutwara iryo shirahamwe. Ico gihe naho, Perezida Ndayishimiye akaba yari yagiye aba CNDD-FDD bariko bibuka imyaka itatu ihaciye Perezida Nkurunziza yitavye Imana, ibitoba vyarashimishijwe Reveriyano Ndikuriyo. Ikindi ari naco gikomeye Ndikuriyo yagirizwa, ngo nuko yahinduye imirwi y’intambo y’umugambwe ubu ngo baririmba izina ryiwe bakamwita «Umusubirizi wa Petero Nkurunziza» nkuko umenga Varisito Ndayihimiye wewe ntabaho. Ivyo biri uko mu gihe Perezida Ndayishimiye kwitwa «Samurarwa» asa nuko iki gihe bisigaye bimutera isoni kuvyitwa.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments