Abafise amahoteri,amazu y’uburiro , amasitidiyo, abarorereza amareresi hamwe n’abakinyozi bagiye gutangura kurihishwa n’ikigo OBDA (kijejwe gukingira ibikorwa mvabwenge) abavuza indirimbo z’abandi baririmvyi bo mu Burundi ,mu ntumbero yo guteza imbere ba nyene izo ndirimbo maze nabo bagire ico bazironseko.

Claudette Mukankuranga arongoye OBDA yabitangaje kuri uyu wa kane igenekerezo rya 29 Ruheshi 2023. Akaba yasiguye ko iyo ngingo ije gukemura ikibazo c’uko bene izo ndirimbo ataco bazungungako kandi ngo zirirwa ziravuzwa muri ayo mazu.
Tubamenyeshe ko bamwe mu baririmvyi b’abarundi bari baherutse kiwdogera ico kigo ko ataco kibafasha mu bibazo bagenda bahura navyo. Bakavuga ko bibabaje kubona ico kigo kimaze imyaka irenga 12 kihari ariko kikaba kitaratora inyishu ku kibazo c’uburenganzira bw’igikorwa c’umuririmvyi (droit d’auteur).





Recent Comments