UBM News ads UBM News ads
Sunday, April 21, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

«Birababaje kubona umuntu aheza Kaminuza ntashobore kwisigura na gato mu rurimi rw’igifaransa kandi arirwo rurimi rw’inyigisho mu Burundi» Bivurwa n’umu diaspora yaheruka i Burundi.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ikibazo kijanye no gutituka kw’akanovera k’ubumenyi mu mashure yo mu Burundi gitera kija ku murindi ukomeye. Aho bigeze iki gihe, Abanyeshure baraheza za kaminuza ntibashobore kwisigura canke kuvuga bihagije iyo bikenewe mu rurimi rw’igifaransa, ururimi rusanzwe rukoreshwa mu nyigisho zo mu Burundi. Umwe mu barundi baba hanze bita umu «diaspora» aherutse kuva i Burundi mu karuhuko yarimwo avuga ko bibabaje ndetse binateye isoni aravye ubumenyi buke abanyeshure baheza za kaminuza. Kubw’uwo murundi abivuga afatiye ku banyeshure yagerageje kuvugana nabo mu rurimi rw’igifaransa bahisemwo ku muhunga abandi nabo bakakivugana n’ubwoba bwinshi burimwo n’amakosa menshi bisigura ko batagiye bakwirikiranwa bihagije n’abarezi babo canke ishure bigako.

Kubw’imvo z’umutekano wiwe, Béatrice Niyokindi niryo zina twamuhaye akaba yaheruka mu Burundi mu kwezi kwa cumi na kabiri aho yari yaje kuramukanya incuti n’abaryango biwe. Akaba ubu aba mu gihugu c’ububirigi kuva mu 2007. Aradusigurira ukwo yabonye igisata c’indero mu Burundi kimeze iki gihe.

Yagize ati :«Narakoroye amasozi mbonye igifaransa abana babiri bo kwa musanzanje bavuga. Urumva bambwiye ko nobasabira akazi ku mugenzi wanje ari i Bujumbura afise ihinguriro rikora birya bikono babikamwo amazi bita Rudipaints, nca ndababaza ko bahejeje amashure nabo bati na kaminuza twarayikunkumuye. Nca ntora umuhungu umwe mukuru ndamubaza ibibazo bibiri mu gifaransa bijanye no ku mupima ubumenyi bwiwe, yemwe yaciye yiruka hanze arampunga. Niko kubaza uwa kabiri bavukana wewe yasa nuwagerageje naho yagize ubwoba bwinshi bwo kuntinya gusa harimwo amakosa menshi. Birababaje kubona umuntu aheza Kaminuza ntashobore kwisigura na gato mu rurimi rw’igifaransa kandi arirwo rurimi rw’inyigisho mu Burundi. Leta yoba iriko irabona aho urwaruka rwacu ruriko rugana mu bumenyi?»

Béatrice Niyokindi aratubwira ukwo ubumenyi bwari bumeze mu mashure mu gihe cabo , ndetse nuko ishure bigako ryagenda ribakwirikirana kugira rimenye ingorane bagenda bahura nazo na cane cane ukumenya kuvuga igifaransa neza :«Nahereje amashure yisumbuye muri Lycée Rutovu gisata c’indimi hari mu mwaka w’1999. Kuva mu mwaka wa 11 niho nazaho ndbuka neza ko umwarimu wacu w’igifaransa n’uw’icongereza badukoresha ama exposé gatatu mu ndwi kandi n’abategetsi b’ishure baraza kwumviriza ivyo tuvuga. Yemwe twarashiramwo amakosa menshi ariko baca bihutira kuza badukosora aho twakoshereje. Ikindi baraduha ibitabo dutahana gusoma mu biruhuko tukaza kuvuga incamake y’ivyo twasomyemwo. Nukuri nukuri unaniriwe kumenya ururimi ngaho baca baguheba»

Niyokindi aributsa Leta kuba yakuyeho kirya kibazo gikorwa mu mwaka wa gatandatu ko nahone ariyo ntandaro nyamukuru y’ubumenyi buke burangwa mu mashure. «irya concours yo mu wa gatandatu ndazi neza ko yayungurura ibikubwa. Uwufise ubumenyi buhagije, ubufise ubumenyi buri hagati canke uwufise ubumenyi buke abo bose irya concours yarabakwereka kandi harengana uwufise ubumenyi bukwiye. Abandi baca bahitira kugira barindire igihe cabo kigere. Uno musi ukwo numva ngo nta guhitiza umunyeshure mureke yigire kandi uzi ko uba uriko umukorera nabi kuko ariko yimukana ubumenyi buke ndetse ataco buzoza kumumarira niyo yaja guhiganwa n’abandi»

Umwe mu bigisha akorera mu gisagara ca Bujumbura nawene aremera ko ubumenyi buke mu banyeshure buhari na cane cane mu ndimi . Agasigura ko mu bibituma ari ikijanye no kudashobora kwigisha no gukwirikirana neza abanyeshure babo kubera ubwinshi bwabo mu birasi baba bigamwo. Ikindi, nuko ibitabo mu mashure shingiro n’inyuma yaho bidakwiye kuko biba bigoye kuri munyeshure wese aronka igitabo ciwe. Kuba abanyeshure baheza za kaminuza baheza baca bicara ngo biraca intege batoyi babo kuko bibaza ico bariko bigira batabona iyo bagiye kuzoca baja nabo niyo barangiza amashure.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments