UBM News ads

Bubanza-Cibitoke: Abanyagihugu bavuga ko babonye RED-TABARA yinjira mu kibira ivuye Congo ariko abategetsi barahakana ayo makuru.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abanyagihugu baba mu nkengera y’ishamba c’imeza rya Kibira baratewe n’ubwoba. Ni inyuma y’abantu bitwaje ibirwanisho bivurwa ko ari abo muri RED-TABARA binjiye mu ndwi iheze bavuye mu gihugu kibanyi ca Congo ubu bakaba batuye mu kibira.Ariko abajejwe intwaro no mu nzego z’umutekano barahakana ayo makuru.

Nkuko tubikesha ikinyamakuru Sos Médias Burundi , Abo barwanyi baciye mu ma komine ya Gihanga, Mpanda (Kizima) na Musigati babanje kujabuka uruzi Mpanda. Ico kinyamakuru kandi kikavuga ko no mu ma komine ya Buganda na Rugombo ari mu ntara ya Cibitoke ndetse asanzwe ahana urubibe n’igihugu kibanyi ca Congo , abanyagihugu bavuga ko babonye abarwanyi ba RED-TABARA bajabuka uruzi Rusizi.

Muri komine Musigati mu ntara ya Bubanza, abanyagihugu bahejeje kubona abo barwanyi barenganye ngo baratabaje abajejwe intwaro n’umutekano. Abasirikare n’abapolisi baragiye mw’iryo shamba cimeza ariko ngo ntaco bahabonye. Bagarutse, Abo banyagihugu bo mw’ako karere barashimangiye bavuga ko hibonekeza abantu bitwaje ibirwanisho ibirwanisho .

Gushika ubu, Mw’ivyo bibanza vyegereye ishamba rya Kibira, hibonekeza ibirindiro vy’abasirikare n’abapolisi ndetse ngo n’uburuhuko bwahora busabwa n’abapolisi bwarahagaritswe nkuko Sos Medias Burundi ibandanya ibivuga.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments