Igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo caraye citwariye urwanda muri sentare mpuzamakungu CPI, cagiriza ingabo z’ico gihugu kibanyi c’urwanda guhohotera abanyagihugu ndetse no gusahura amabuye y’agaciro ya Congo Kinshasa.

Kuri uyu wa kabiri, niho Leta ya Congo yatanga ico kirego biciye ku munyabanga wa Leta ya Congo akaba n’umushikiranganji w’ubutungane, Rose Mutombo. Ibirego Mutombo yashikirije CPI vyakiriwe n’icegera c’umushikirizamanza mukuru , Mame Mandiaye Niang.
Ni ikirego kandi Leta ya Congo iregamwo umuhari M23 umaze igihe mu ntambara n’ingabo zayo. Ikagiriza bikomeye ingabo z’urwanda kuba arizo ziha ubufasha uwo muhari.
Kinshasa mu kirego yatanze , yasavye CPI gutanguza iperereza kuco yise ihuriro rigizwe na M23V na RDF ivuga ko bamaze igihe bakorera ubwicanyi mu buseruko bwa Congo ndetse bakanahasahura amabuye y’agaciro.
Leta ya Congo ikaba yasavye CPI gufatira ibihano M23 ndetse n’abayiha ubufasha kubera ivyaha vyo guhonyanga agateka ka zina muntu biciye mu bikorwa uwo muhari n’abawushigikiye bakoreye ku butaka bwa Congo hagati yo mu mwaka wa 2022 na 2023.





Recent Comments