Mu kiringo c’indwi zibiri yapfungiwe mu gasho k’iperereza i Bujumbura, Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Alain-Guillaume Bunyoni yarahohotewe bikomeye kugira ngo ashobore kuvuga amazina y’abo bari basangiye umugambi wo guhirika ku butegetsi Umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye. Mu misi iri mbere ngo hoba hagiye gukorwa uruhigi kw’uwo wese yavuganye canke bari bafitaniye gahunda na Bunyoni kubijanye n’uwo mugambi wo guhirika Perezida Ndayishimiye. Ayo makuru tuyakesha isoko riva mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.

Umwe mu bagumyabanga ba CNDD-FDD akomeye ariko atashimye ko tumuvuga izina ku mvo z’umutekano wiwe aravuga ico Alain-Guillaume Bunyoni yazize c’ukuri kiboneka. Agira ati :”Twese twaramenye Ico Bunyoni azize, ni ikijanye n’uko yari yasa n’uwahejeje umugambi wo guhirika perezida Neva. Kandi abagumyabanga batari bake ndetse n’abo mu nzego z’umutekano n’izo kwivuna abansi bari bumvishijwe umugambi ariko havamwo bake baja kubibwira Ndayishimiye ko yogaba kuko Bunyoni aticaye kandi ashigikiwe mu mugambi wiwe wo kumukura ku butegetsi hakoreshejwe inguvu. Niho Ndayishimiye yaca yambara urwaga yikora ku bamuyoboka baburizamwo uwo mugambi ugayitse gutyo Bunyoni aba arafashwe”
Arabandanya agira ati :”Agishikanwa mw’iperereza urya musi batangaje ko yafashwe, yahavuye ahohoterwa bikomeye na bamwe mu bakozi b’iperereza bari bahawe itegeko na Perezida Ndayishimiye ko bomukomesha mpaka yemeye ivyo yagire akore ndetse anavuge amazina y’abo bari basangiye umugambi wo gukora Coup d’Etat kuri Neva. Twaramenye ko yahavuye avyemera arembejwe cane n’amahiri n’irindi hohoterwa yagiye akorerwa maze ngo aranavuga abagumyabanga batari bake bari inyuma yiwe. Aha twese mu mugambwe tuguma ducurwa ko badufata umwanya n’umwanya kuko tutazi amazina Bunyoni yatanze mw’iperereza”
Ayandi masoko ava mu mugambwe CNDD-FDD atumenyesha ko muvyatumye haba umurwi w’abagumyabanga urongowe na Bunyoni wiyumvira guhirika perezida Ndayishimiye ku butegetsi, ngo boba bamwagiriza kuba ariko ashaka guha igihugu abansi b’uburundi (abatavuga rumwe na CNDD-FDD baba mu buhungiro, Urwanda hamwe n’ibihugu rutura vyo mu burengero bw’isi) abanje kubemerera gusubiza hamwe mu migenderanire hamwe no kuganira, ivyo urwo ruhande rurwiriyemwo cane n’ababanye hagufi n’umuhisi Perezida Nkurunziza rudashaka kwerekwa na gato.





Recent Comments