UBM News ads

Tanzanie: Fondation Al-Hikma yegamiye isiramu yemereye abasore 50 kubakorera ubugeni no kubarihira inkwano.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Fondasiyo Al-Hikma yegamiye idini rya isiramu mu gihugu ca Tanzaniya yemereye kuri uyu w’Imana abasore 50 kuzobakorera ubugeni no kubarihira inkwano.

Nkuko tubisanga muri Videho y’ikinyamakuru The East African TV, vyatangajwe na Sheikh Nurdin Kishki warurongoye iyo fondasiyo mu birori vyokurangiza irushanwa rya Quran Ryabereye muri Uhuru Stadium , ku murwa mukuru wa Tanzaniya.

Ivyo birori vyari vyitabiriwe n’abategetsi batandukanye harimwo n’umukuru w’igihugu Samia Suluhu Hassan, hamwe kandi n’abandi bayoboke b’idini rya isiramu baje baturuka hanze y’igihugu.
Sheikh Kishki yagize ati :”Nyakubahwa mushitsi mukuru , turategekanya gukorera ubukwe imisore 50 , Tuzokorera ubukwe abantu 50, inkwano tuzoyiriha twebwe Al-Hikma Foundation”

Al-Hikma ivuga kandi ko yashaka gukorera ubukwe abasore bashika 100 canke barenga abo ariko ubushobozi buba buke . Ico akoze, yasezeranye ko agiye gukomeza kwifatanya n’abandi boba bafise ubushake bwo gushigikira ingo nshasha.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments