UBM News ads

Amerika yemeza ko imbonerakure zifadikanije n’imirwi y’abasirikare b’uburundi bari kurwanira muri Congo kuva mu mpera za 2021.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Urwaruka rw’imbonerakure rwifadikanije n’imwe mu mirwi y’abasirikare b’uburundi bari kurwanira ku butaka bwa Leta ya Congo kuva mu mpera z’umwaka wa 2021.Ivyo biri mu cegeranyo c’ibiro bijejwe ivy’intwaro rusangi n’agateka ka zina muntu n’akazi c’ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu bwa Leta zunze ubumwe za Amerika.Ico cegeranyo gisubiramwo ivyegeranyo vyagiye birakorwa n’amashirahamwe atandukanye ku bijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi mu mwaka wa 2022. Ico cegeranyo rero kivuga ko imbonerakure n’abo bafadikanije bagiye barakora ivyaha bijanye n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu .

Nkuko biri mu cegeranyo c’ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu bwa Leta zunze ubumwe za Amerika gisubiramwo ivyegeranyo vy’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu mu Burundi, Abahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU berekana ko imbonerakure bafadikanije n’abasirikare b’uburundi barungitswe mu ngwano mu ntara ya Kivu yo mu bumanuko bwa Congo kuva mu mpera z’umwaka wa 2021. Ico cegeranyo kikavuga ko imirwi y’abarundi ifadikanye n’imirwi y’abarwanyi b’imvukira yabereka inzira n’akarere kose ukwo kifashe canke bagafidakanya mu kurwanya umuhari RED-TABARA.
Ico cegeranyo cerekeye ukwo agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi mu mwaka wa 2022, kivuga ko abaharanira agateka ka zina muntu n’ibinyamakuru vyo muri Congo vyagiye bivuga amabi akorwa n’izo mbonerakure n’abasoda b’uburundi iyo barungitswe mu buseruko bwa Congo. Muvyo bagirizwa harimwo ubwicanyi bw’indengera butungane, gukubagura abanyagihugu, ukwiba abanyagihugu ivyo batunze.

Ico cegeranyo c’ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu ya Leta zunze ubumwe za Amerika kiragaruka kandi ku mabi akorwa n’abasirikare b’uburundi barungitswe mu butumwa bwo kugarukana amahoro mu gihugu ca Centrafrique, muvyo abo basoda b’uburundi bagirizwa, harimwo ugukoresha abantu babanje kubasaba igiturire c’igitsina no gushurashuza abakenyezi ku nguvu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments