Mu mwaka uheze wa 2022, icegeranyo ca Leta zunze ubumwe za Amerika cerekana ko naho mu gihugu c’uburundi hari inzego nshasha zitorewe n’abanyagihugu ziramutswa igihugu kuva mu 2020 kandi amatora akaba ata mvururu yateye muri rusangi, hakomejekwibonekeza ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu , abantu bafatirwa ubusa, abafungwa hadakurikije amategeko, abicwa, abanyuruzwa hamwe n’imiryango ihorwa ivyaha vya bamwe mu bayigize.

Ico cegeranyo kivuga kandi bamwe mu bari mu rwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi , imbonerakure akatari gake bakoranye n’abakozi b’iperereza , abasirikare n’abapolisi bari mu bahungabanya uburenganzira bwa kiremwa muntu rimwe rimwe bikagora gutandukanya abajejwe umutekano n’imbonerakure za CNDD-FDD kubera basenyera ku mugozi umwe.
Iyo raporo ivuga kandi ko urwo rwaruka rw’imbonerakure rwaherekeje abasirikare b’igihugu ba FDNB mu ntara ya Kivu y’ubumanuko , ni mu buseruko bwa Congo mu kurwanya imihari irwanya ubutegetsi bw’uburundi ariyo: RED-TABARA na FNL.
Leta zunze ubumwe za Amerika yemeza kandi ko ubwigenge bwo gushikiriza ivyiyumviro , ukumenyeshamakuru no guhurira hamwe mu mashirahamwe vyarahungabanijwe mu Burundi. Ariko Amerika yongera ko hari imirwi n’ibisata vyigenga vyahawe amahirwe yo kugenzura ivyagirizwa inzego zitandukanye.
Mu bijanye n’ubwicanyi, Iyo raporo ivuga ko bamwe mu rwaruka rw’umugambwe CNDD-FDD , imbonerakure, abapolisi, abakozi b’igisata co mw’iperereza n’abasirikare aribo incuro z’imbarwa bishe abatavuga rumwe n’ubutegetsi canke naho abantu bagerageje gukora ivyo barekurirwa n’amategeko.
Ico cegeranyo kikibutsa ko mu kwezi kwa Myandagaro 2022, Ishirahamwe Ligue ITEKA risanzwe rikorera ubu mu buhungiro kuva rihagaritswe n’ubutegetsi mu 2017, ryari rimaze guharura abantu 232 bari bamaze kwicwa mu gihe mu mwaka w’imbere naho wa 2021 hari hagandaguwe 405.





Recent Comments