UBM News ads

Cibitoke: Imwe mu miryango yo mu makomine ya Buganda na Rugombo iriko ihunga kubera inzara.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Imwe mu miryango yo mu makomine ya Buganda na Rugombo mu ntara ya Cibitoke iriko ihunga kubera inzara. Bamwe muri abo banyagihugu baja mu gihugu hagati ahoba harabonetse umwimbu, abandi nabo bakaja mu gihugu ca Congo. Buramatari w’intara ya Cibitoke CarĂªme Bizoza asaba abajejwe intwaro ku rwego rwo hasi kwegeranya imfashanyo yo kugarukira kuri abo bugarijwe n’inzara.Burundi: CIBITOKE se mobilise contre les assassins de 3 sorciers

Bamwe mu bajejwe intwaro bo ku mutumba wa Rusiga muri komine Rugombo bamenyesha ko umwimbu utagenze neza kubera uruzuba rwatse mw’irima riheze. Ivyo vyashikirijwe kuri uyu wa mbere w’indwi iheze mu nama y’umutekano . Muri iyo nama isanzwe ikorana ukwo amezi atatu aheze, aho buramatari ahura n’abajejwe intwaro, Firmin Habumuremyi,umunyamabanga ntayegayezwa mu biro kwa musitanteri wa komine Rugombo yavuze ko imiryango 210 yo ku mutumba wa Rusiga imaze guhunga kubera inzara. Imwe mu miryango yakozweko n’iyo nzara ikaba ihitamwo guhungira mu gihugu hagati aho biboneka ko umwimbu wagenze neza, abandi nabo bagahungira muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

No muri komine ya Buganda ibintu bimeze ukwo aho abantu batari bake bamaze guhunga iyo nzara . Ariko umunyamabanga ntayegayezwa muri komine ya Buganda akaba atashimye gushira ahabona ibitigiri vy’abamaze guta izabo kubera ikigoyi.

Buramatari w’intara ya Cibitoke, CarĂªme Bizoza asaba abajejwe intwaro ku rwego rwo hasi gukorana n’imvukira z’iyo ntara mu ntumbero yo kugira intonde y’imiryango ikenye hama begeranye ibifungurwa vyo kubafashisha.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments