UBM News ads

Ngozi: Musitanteri wa komine Kiremba yagirizwa kugurisha amatongo ya komine n’umuduga binyuranye n’amategeko.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Musitanteri wa komine Kiremba SEBIGO Pascal  (mu ntara ya Ngozi) yagirizwa n’abajenama b’iyo komine ko yagurishije amatongo ya komine hamwe n’umuduga hadakurikijwe amategeko. Ico cegeranyo cashizwe ahabona inyuma yaho umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye yagirije uwo musitanteri n’ishavu ryishi kugurisha inzu zibiri za koperative ku mafaranga imiriyoni zitatu gusa  kandi zari zubatswe na Leta  ku miriyoni zirenga 100 z’amarundi.No photo description available.

Dosiye zashizwe ahabona n’inama mpanuzwajambo ya Komine Kiremba zivuga ko musitanteri Sebigo Pascal yavyifashemwo nabi mukugurisha amatungo ya komine. Uwo musitanteri akaba yagurishije itongo rya Leta riri ku mutumba kagarama hafi y’ibarabara rikuru inomero 6 (RN6). Iryo tongo rikaba ryangana na hegitare zibiri , iyo raporo ivuga ko iryo tongo ryagurishijwe ibihumbi 500 vy’amarundi (500.000 Fbu). Inama mpanuzwajambo imaze kubimumenyesha ko agurishije itongo rya Leta bidaciye mu mategeko, Musitanteri Sebigo yaciye yihutira gutanga urupapuro ndangatongo hatubahirijwe n’ikiringo gisabwa n’amategeko.

Ico cegeranyo kirerekana kandi igurishwa ry’ivyuma vy’umuduga wa Leta wari wapfiriye imbere ya komine ku mafaranga ibihumbi 500 gusa. Ivyo vyegeranyo biravuga n’ibeni ya komine yakoreshejwe ku miriyoni 21 n’ibihumbi 850 vy’amafaranga y’amarundi (21.850.000 Fbu) ata soko itanzwe. Nkuko vyibonekeza mu cegeranyo c’inama mpanuzwajambo co kuwa 18 kigarama 2020, bikavurwa bari bumvikanye mu nama  ko iyo beni yokorwa na garaje y’uwitwa BANKUWABO Léopold ku mafaranga imiriyoni 17 z’amarundi.

Tubamenyeshe ko ku musi wa gatanu uheze igenekerezo rya 9 Mukakaro 2022, Umukuru w’igihugu c’uburundi yakariye uwo musitanteri bidasanzwe imbere y’isinzi ry’abantu aho yamwagirije kugurisha inzu zibiri za koperative zubatswe ku miriyoni zirenga 100 maze azigurisha imiriyoni zitatu gusa.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments