UBM News ads

RDC: Imbonerakure zibiri ziva mu ntara ya Cibitoke zarishikanye mu minwe y’ingabo za MONUSCO.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Imbonerakure zibiri zituruka mu ntara ya Cibitoke zarishikanye kuri uyu wa kane mu minwe y-igisirikare ca MONUSCO gikorera mu karere ka SANGE mu ntara ya Kivu y-ubumanuko  muri republika y-intwaro rusangi ya Congo. Izo mbonerakure zikaba zavuze ko zariko zirwana mu muhari w-abarwanyi witwa GUMINO usanzwe ucuditse  n-igisirikare c-uburundi mu kurwanya umuhari RED-TABARA urwanya Leta y-uburundi.Image

Amakuru dukesha iradiyo Ijwi ry-abanyagihugu RPA, amenyesha ko Izo mbonerakure zibiri zari zisanzwe zizwi cane muri komine Rugombo, mu ntara ya Cibitoke. Nazo akaba ari :Claude Hatungimana na Desiré Havyarimana. Amasoko y-iradiyo RPA abandanya amenyesha ko ku musi wa kane mu masaha y-ijoro , niho izo mbonerakure zibiri zishikana mw-ikambi y-abasirikare baturuka mu gihugu ca Pakistani bari mu ngabo za MONUSCO zikorera mu gace ka SANGE mu ntara ya Kivu y-ubumanuko , mu gihugu ca Congo y-intwaro rusangi . Izo mbonerakure mu kwishikana zavuze ko be n-abo barikumwe bari bamaze imisi barwanira mu muhari w-abarwanyi urwanya Leta ya Congo witwa GUMINO .

Amakuru ava aho muri SANGE avuga ko iyo misore yavuze ko ivuye mu karere ka BIJOMBO  kandi ko bananiwe n-urugamba ndetse ko bahamaze kuhatakariza vyinshi harimwo n-abagenzi babo n-abo mu gisirikare c-uburundi.

Tubamenyeshe ko kuva mu kwezi kwa Kigarama 2021, abanyagihugu bo mu misozi miremire ihanamiye ikiyaya ca Rusizi bari mu batowe ngo baserukire abanyagihugu eka mbere n-abo mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu muri ako karere bavuga ko uwo murwi GUMINO ukorana n-igisirikare c-uburundi hamwe n-imbonerakure  barungitswe muri Congo mu ntumbero  yo gutuza abarwanyi b-umuhari RED-TABARA .

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments