Igihugu c-uburundi nico gihugu ca Kabiri co mu karere ka Afrika y-ubuseruko inyuma ya Sudani y-epfo cabangamiwe n-ubuzima buzimvye bwaturutse kw-ikena ry-igitoro hamwe n-iduzwa ry-ibiciro ry-ibiribwa bimaze indwi vyibonekeza muri ako karere. Ibanki y-iterambere ya Afrika BAD imenyesha ko ifise impungenge ko uburundi butazoshobora kuva muri ivyo bihe mu gihe amashirahamwe araba ivy-ibifungurwa avuga ko ivyo biciro bishobora kubandanya biduga kw-isi.
Nkuko tubikesha ikinyamakuru The East African,Ibihugu vyo muri Afrika y-ubuseruko bimaze indwi biri mu bihe bigoye vy-ikena ridasanzwe ry-igitoro hamwe n-ibiciro vy-ibidandazwa biguma biduga . Kubw-ico kinyamakuru, Ibihugu bitandukanye vy-ako karere aho igitoro cabonetse, ibiciro vyabaye umurengera , ivyatumye ubuzima buzimba .
Ku rutonde rw-ibihugu vyabangamiwe cane mw-ako karere, Igihugu c-uburundi kiza mu kibanza ca kabiri aho ibiciro vyaduze ku rugero rurenza 13% inyuma ya sudani y-Epfo aho ibiciro vyiyongereye gushika kuri 25%. Kubw-ibanki BAD, intambamyi uburundi bushobora guhura nazo mu gutorera inyishu mw-iryo duga ry-ibiciro muri uyu mwaka wa 2022, zihagaze ahanini ku kungene abagura ikawa n-icayi uburundi bushobora mumahanga bashobora kubanuka muri kino gihe , amafaranga y-abanyamahanga bafasha ico gihugu nayo nyene akagabanuka. Ikindi BAD ivuga, nuko Uburundi bushobora kubandanya kugira amadeni y-umurengera bivuye ku kungene amafaranga bukoresha ku mwaka aguma ari menshi kuruta ayo bwinjiza kandi Leta ibandanya yongereza amadeni ifise mu gihugu aho amafaranga amaze kugera ku rugero rwa 70% vy-amadeni yayo yose. BAD ikamenyesha ko kugira uburundi bwishure ayo madeni yose biri kure nk-ukwezi kiretse hamwe Leta y-uburundi yonagura ikigega cayo mu maguru masha.
Kubwa The East African, Amashirahamwe mpuzamakungu araba ibijanye n-ibifungurwa hamweb n-uburimyi atewe umutima uhagaze nuko intambara iriko ihuza uburusiya na Ukraine yatumye guhanahana ibidandazwa bimwe bimwe bidashoboka, aha bakavuga nk-ibigizwe n-intete, amavuta yo gutekesha, hamwe n-ifumbire . Ayo mashirahamwe akavuga kandi ko iyo ngwano yatumye n-ibiciro biduga kw-isi yose . Igisata ca ONU kiraba ivy-ibifungurwa hamwe n-uburimyi FAO, kikaba cari camenyesheje mu ndwi iheze ko ibiciro vy-ibiribwa bizoduga kw-isoko mpuzamakungu gushika mbere no ku rugero rwa 20%.





Recent Comments