Umugambwe CNL ubona ko Leta yarikwiye gushiraho ikigega c-integabizoza c-igitoro hamwe nuko coza kiraca mu mazi aho guca mu mabarabara kugira ubukene bwaco buguma bwisubiriza bugabanuke. Thérence Manirambona avugira uwo mugambwe akavuga ko ubukene bw-igitoro mu Burundi butova ku ngwano iri hagati y-uburusiya na Ukraine kuko n-imbere yaho bwari buhasanzwe.
Uwo avugira CNL ati :« Muri iyi misi haravurwa ko iri kene ry-igitoro riboneka hirya no hino kw-isi rifatiye kw-iy-intambara iri hagati y-uburusiya na Ukraine ariko kubiraba uburundi twibuke ko ikene ry-igitoro aha iwacu rimaze igihe kinini tubona amazutu abura na cane cane amazutu niyo akunze kubura cane eka na essence ukabona ko ari ibintu vyo gusamira. (…) ariko urumva ko twebwe iyo ngwara tuyimaranye igihe. Mwibuke ko no mu misi yahera igitoro cadugijwe amafaranga atari make gushika ku ma 300 ndetse nayarenga kw-iritiro ariko hagumye haba ikena ry-ico gitoro»
Nk-umuti kw-ico kibazo kijanye n-ikena ry-igitoro mu Burundi, Umugambwe CNL ubona Leta yokoresha inzira yo mu mazi mu kuzana igitoro kivuye hanze kuko inzira yo mw-ibarabara ituma ico gitoro gishika gitevye, ikindi nuko ngo nuko Leta yoshiraho ikigega c-integabizoza c-igitoro kugira hamwe ibiciro bihindaguritse ku masoko mpuzamakungu ntibice vyihuta gukora ku burundi n-abarundi.





Recent Comments