UBM News ads

Uburusiya bwafuswe mu nama nkuru ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mu nama idasanzwe y-ishirahamwe mpuzamakungu  ONU  yo kuri uyu wa kane yari yateguwe kugira hemezwe canke hahakanwe ikurwa ry-igihugu c-uburusiya ku ntebe  yaco mu gisata  c-iryo shirahamwe kijejwe agateka ka zina, Ibihugu bigera kuri 93 vyemejwe ifutwa ry-uburusiya, maze ibigera kuri 24  harimwo uburundi vyahakanye  ko Moscou ikurwa mw-uwo muryango. Nayo ibihugu  58 vyahisemwo kwerekana ko ataho bihagaze.

Tubamenyeshe ko Uburusiya bufatiwe iyo ngingo inyuma yaho ingabo zabwo zagirijwe n-ibihugu rutura hamwe n-amashirahamwe mpuzamakungu yitaho ubuzima bwa kiremwa muntu ko bwakoze ivyaha vyo mu ntambara muri Ukraine neza na neza mu gisagara ca Boutcha hamwe no mu bundi burere bwegereye umurwa mukuru wa Kiev.

 

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments