Wednesday, September 28, 2022
HomeNewsAbakora bose ama «Ligala» mu gisagara ca Bujumbura bagiye kuza baratwarwa ...

Abakora bose ama «Ligala» mu gisagara ca Bujumbura bagiye kuza baratwarwa mu bikorwa vy-iterambere.

Mu gihe hari urukurukuru rumaze imisi ruca ku mbuga ngurukanabumenyi  ruvuga ko abantu bose baba mu gisagara ca Bujumbura badafise ivyo bakora bagiye kwirukanwa mw-ico gisagara maze bakaja iwabo ruguru iyo bavuka, Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo ivy-intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano  n-iterambere rusangi arabeshuza ayo makuru, ariko Gervais Ndirakobuca akamenyesha ko nyabuna  abantu birirwa bicaye ku ma «Ligala» badafise ivyo bakora bagiye kuza baratwarwa gukora ibikorwa vy-iterambere ry-igihugu.Image

Mu kiganiro yahaye abanditsi n-abamenyeshamakuru mu ndwi iheze, Gervais Ndirakobuca yamenyesheje ko abo bagira ama «Ligala» aribo bahava bahinduka  abasuma maze bakaburabuza abasanzwe bafise ivyo bakora. Ndirakobuca ati :« … uyo muntu ari mu gisagara akora i Ligala adafise ico akora  baca bateka imitwe ugasanga ejo nibo barara ku mugono k-uwaronse icaronse. Abo nibazako ata kibanza bafise mu gisagara ca Bujumbura»

Umushikiranganji Ndirakobuca agasaba abajejwe intwaro n-umutekano gutora abo bantu bose birirwa ku ma «Ligala» bakagenda kubakoresha mu bikorwa rusangi  nk-ibijanye no gusibura imiserege mu ntumbero yuko amabarabara yosa neza .

Must Read

Uganda: Abantu 23 nibo bamaze kwicwa na Ebola (OMS).

0
Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y'abantu kw'isi OMS ritangaza ko mu gihugu ca Uganda abantu bagera kuri 23 aribo bamaze kwicwa n'ikiza ca Ebola kikomoka...