UBM News ads

OLUCOME imenyesha ko imiriyaridi zirenga 400 z’amarundi arizo zanyurujwe mu mwaka wa 2021.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ishirahamwe OLUCOME ryiyemeje kurwanya abarya igiturire hamwe n-abasesagura amatungo ya Leta rimenyesha ko amafaranga arenga imiriyaridi 400 z-amarundi ariyo yanyurujwe mu mwaka uheze wa 2021. Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME yabitangaje kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 4 Ntwarante 2022 mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru.May be an image of 1 person and indoor

Mu madosiye 68 OLUCOME yashoboye gukora  kuyagera 147 yari yaronse , ayagera ku miriyaridi zirenga 400 z-amafaranga y-uburundi yaranyurujwe. Ahaza ubwa mbere hakozweko n-iryo nyuruzwa , ni mu bijanye  n-amasoko ya Leta , mu makomine  no mu mashirahamwe  Leta ifisemwo imitahe n-ahandi,…

Mw-ico kiganiro, Gabriel Rufyiri agahamagarira Leta y-uburundi kuvira hasi inyuruzwa ry-ubutunzi bw-igihugu maze igakora ibishoboka  mu kugaruza ayo mafaranga yanyurujwe mu  mwaka wa 2021.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments