UBM News ads UBM News ads
Thursday, May 23, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Uburusiya bwagirizwa gukora «ihonyabwoko» n-«ivyaha vyo mu ntambara» ku basivire batuye mu bisagara vyegereye Kiev.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Inyuma yaho ingabo z-uburusiya zikuriyemwo akarenge zikava mu bisagara vyegereye umurwa mukuru wa Kiev, Itorwa ry’ibiziga vy’abasivire b’abanye Ukraine kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 2 Ndamukiza 2022 mu gisagara ca Boutcha, cegereye Kiev,vyababaje cane ukraine aho yagirije uburusiya gukora «ihonyabwoko». Ivyatumye kandi n-ibihugu rutura kw-isi  bihaguruka mu kwiyamiriza ubwo bwicanyi vyongera vyagiriza na vyone  igihugu c-uburusiya gukora «ivyaha vyo mu ntambara» ku basivire batuye i Boutcha no mu bindi bisagara ingabo z-uburusiya ziheruka kuvamwo. Amasanamu yagiye ahabona kuri uyu wa gatandatu  yerekana ibiziga vy-abasivire amaboko aboheye mu mugongo biri ku mabarabara, ibindi bigera kuma  300 vyahambwe mu binogo rusangi mu gisagara ca Boutcha.

Ayo masanamu y-abasivire  b-abanya Ukraine  bishwe urwagashinyaguro yatumye ibihugu rutura kw-isi bihaguruka mu gutera ivyatsi ubwo bwicanyi ndetse bikaboneka ko ivyo bihugu bigiye nyabuna guca vyongereza ibindi bihano rutura ku burusiya. «Amasanamu adushikira  y-i Boutcha ntawoyihanganira ndetse ngo ayashigikire» Niko Perezida Macron w-ubufaransa yatangaje abicishije ku rubuga rwa Twitter. Umuryango OTAN wo uvuga ko ari ivyaha vy-«agahomerabunwa» kandi ko «atawobisabirako ».  Umunyabanga mukuru wa ONU , Antanio Guterress abona ko nyabuna hakwiye amatohoza yigenga kugira abakoze ubwo bwicanyi babuhanirwe. Umukuru w-umuryango w-umuryango w-ubumwe bwa buraya, Charles Michel yamenyesheje ko ku bwiwe ubumwe bwa buraya bugiye gufasha igihugu ca Ukraine hamwe n-amashirahamwe yigenga  mu kwegeranya ivyagiriji  bikenewe kugira abakoze ubwo bwicanyi bitwarirwe mu masentare mpuzamakungu.

Abategetsi ba Ukraine batangaza ko ibiziga bingana 300 bambaye impuzu z-abasivire batuye mu gisagara ca Boutcha arivyo vyahambwe mu binogo rusangi . Ibindi bitabwa mu mabarabara biboheye amaboko mu mugongo , ibindi biri mu magunira bitanguye gusangukirayo.  Itororokanizo ry-amakuru ry-abafaransa AFP rimenyesha ko ivyo biziga ryavyiboneye kuri uyu w-Imana ko kandi ico bihuriyeko vyose vyambaye impuzu za gisivire ndetse ko bifise ibikomere ku mibiri y-aho vyarashwe.

Abo bategetsi barabandanya bamenyesha ko ibindi biziga 410 vyatowe ejo kuri uyu w-Imana mu burere bwegukira Kiev , buheruka vuba kuvamwo ingabo z-uburusiya. Bakagiriza uburusiya gukora «ihonyabwoko». Uburusiya bwo burabeshuza ivyo bwagirizwa ko bwishe abasivire muri Boutcha , bukavuga ko ingabo zabwo zavuye mw-ico gisagara kuwa 30 Ntwarante 2022 . Moscou ikagiriza nyabuna Ukraine kuba iriko yikorera amasanamu atariyo mu ntumbero yo kuronka ivyo ibinyamakuru vyo mu bihugu vy-uburengero bitangaza.

 

 

 

 

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments