Amashirahamwe akorera mu gisata co kwunguruza abantu mu Burundi agize imisi akora nabi . Abakorera mw’ayo mashirahamwe bavuga ko biterwa n-ubukene bw-igitoro . Amwe muri ayo mashirahamwe kuri uyu wa mbere yahisemwo kuba arahagarika imirimo kubera ico kibazo c-ikena ry-ibitoro.
I Gitega, mu Rumonge n-i Muyinga , n-ahandi henshi mu gihugu abanyagihugu bakunze kwiyunguruza bavuye mu ntara baja mu zindi  bakoresheje imiduga y-amashirahamwe bamaze imisi bajuragirika , aho bene iyo miduga batahinduye imyanya yarisanzwe ikorerako , barahagaritse burundu kuri uyu wa mbere imirimo. Abakoresha iyo miduga bavuga ko biterwa n-ikibazo c-ibitoro. Abenshi kugira babandanye batarataza , baraheba bakikora ku gitoro kiboneka kuri magendo ariko bakakironka ku giciro c-umurengero.
Amwe mw-ayo mashirahamwe yo kwunguruza abantu hagati mu gihugu amaze guhagarika imirimo ni ishirahamwe MEMENTO ryari risanzwe ritwara abantu baja mu ntara zo mu buraruko, ubuseruko hamwe no mu bumanuko.
Tubamenyeshe ko izo ngorane z-igitoro zitakora gusa ku mashirahamwe kuko n-abafise imiduga yabo bariko bahura n-ico kibazo.





Recent Comments