UBM News ads

Perezida Ndayishimiye amera nkuwugabisha abarundi ko ibiciro vy-ibitoro bishobora gusubira kuduzwa vuba.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye amera nkuwugabisha abarundi ko ibiciro vy-ibitoro bishobora gusubira  kuduzwa vuba. Kubwa Perezida Ndayishimiye, ngo ntivyumvikana ukuntu ibindi bihugu vyamaze kuduza ibiciro vy-ibidandazwa nka vyose ariko uburundi arico gihugu kinakenye kubiruta kikaba kitariyumvira kuduza ibiciro . Ivyo Varisito Ndayishimiye yabivuze kuri uyu wa kane igihe hariko hatunganywa amasengesho y-umugambwe CNDD-FDD asozera uku kwezi kwa Ntwarante.Image

Ariko asa n-uwutegura imitima abarundi ku bijanye n-ishoboka ry-iduzwa ry-ibitoro, Perezida Ndayishimiye avuga ati :«jewe nsinshobora kwumva igihugu amakungu yose yafatiye ibihano , imyaka nkirya  kuva mu 2015, ugaca usanga mu karere ico gihugu igitoro niho kizimbutse. Aka kantu konyene  kabaye kuri Ukraine n-uburusiya , hose n-iburaya baciye barwiza kabiri ku gitoro. Muga twebwe turaca cumbagiza, ni twe turi abagorwa muga twe turacacumbagira. (…) Mu karere ibintu vyose vyaciye biduga n-ibitoro vyaciye biduga.  Muga  twebwe turacavuga  ngo tubanze duhendahende, mbe tuzohendahenda gushika ryari?»

Tubamenyeshe ko ayo majambo Perezida Varisito Ndayishimiye ayashikirije mu gihe  hari ubukene budasanzwe bw-igitoro mu gihugu  cose ariko ibintu bikomeye  cane mu ntara zo hagati mu gihugu gusumvya mu gisagara ca Bujumbura.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments