Sentare nkuru y-igihugu ca Kenya yaraye ifashe ingingo yo kuba iragumije ivy-agateganyo mu kiringo c-amezi atatu imiriyoni zibiri z-amadorari y-abanyamerika aheruka gufatanwa umunya kenya avuye mu gihugu c-uburundi. Ayo mahera ibanki BCB ikaba yari yamenyesheje ko ari ayayo. Iyo sentare nkuru ya Kenya mu ngingo yafashe ikaba yamenyesheje ko ifise amakenga ko ivy-ayo mahera birimwo amahinyu ashobora kuba agamije ibintu vyo kunyegeza inkomoko yayo hamwe rero n-ico yaragiye gukora be n-uwo yaragenewe.
Ayo mafaranga akaba yafatanywe n-umunya kenya yitwa Paul Kemboi ku kibuga c-indege ca Kenya Jomo Kenyatta kuwa 17 Ruhuhuma 2022. Agifatwa, ikigo kijejwe kugenzura ivyinjira n-ibisohoka co muri Kenya camenyesheje ko yafashwe kubera ko yerekanye impapuro zihushanye zerekana iyo ayo mafaranga agiye. Ku muhingamo w-uwo musi nyene, Ibanki yo mu Burundi ,BCB yaremanze ko ayo mafaranga ari ayayo ko yari yayarungitse hanze y-igihugu mu bikorwa yama ikora mu ntumbero vyo kuyorohereza akazi.
Kuri uyu wa mbere, sentare nkuru ya Kenya yaraye ifashe ingingo kw-ayo mafaranga afashwe kubera ko amahinyu yibonekeza, nkuko bishikirizwa n-ikinyamakuru co mu gihugu ca Kenya Kenya News. Mu ngingo yafashe, umucamanza wa sentare nkuru ya Kenya Esther Maina yavuzeko bagiriza umunya kenya Paul Kemboi ko yabanje guhisha ibijanye n-ayo mafaranga kuko ngo igihe co kuvuga ivy-ayo mahera, uwo munya kenya yagomvye guhindura igihugu ajamwo ngo yaciye agomba guhindura aca yerekana impapuro ko agiye mu gihugu c-ubwongereza kandi mbere yari yavuze ko kwaje muri Kenya.
Kw-izo mvo, Kenya News ivuga ko umucamanza Esther Maina yaciye ategeka ko ayo mahera afatwa ivy-agateganyo mu kiringo c-amezi atatu bivanye nuko hari igipfungu cerekana ko habayemwo ukugomba guhisha ivy-ayo mahera.





Recent Comments