UBM News ads

Agathon RWASA amenyesha ko umugambwe arongoye utigeze utegura canke ngo witabire imyiyerekano yabereye mu bubirigi.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umushingamateka Agathon RWASA amenyesha ko umugambwe  CNL angoye utigeze utegura canke ngo witabire imyiyerekano iheruka kubera mu gihugu c-ububirigi ikozwe na bamwe mu barundi biyamiriza ihonyangwa ry-agateka ka zina muntu ribandanya rikorwa mu gihugu c-uburundi. Mu kiganiro yahaye kuri uyu wa kabiri  iradiyo n-imboneshakure ISANGANIRO, Agathon RWASA amenyesha kandi ko umugambwe  CNL utacuditse n-imwe mu mihari irwanira mu buseruko bwa Republika iharanira demokarasi ya Congo.Burundi opposition party picks Agathon Rwasa to run for president | News |  Al Jazeera

Umukuru w-umugambwe CNL abishikirije inyuma yaho umukuru w-igihugu Varisito Ndayishimiye yagirije umugambwe CNL ubicishije kuri  Aimé Magera avuga ko aserukira uwo mugambwe ku mugabane wa buraya , watunganije imyiyerekano yitabiriwe n-abarundi baba  mu gihugu c-ububirigi hamwe no mu micungararo yaho.  Agathon RWASA ati :«Nk-umugambwe CNL , nta myiyerekano wateguye , umugambwe CNL nta myiyerekano wagiyemwo. Ni ikindi nuko avuga ko abagiye kugira iyo myiyerekano bavuye mu Burundi bafata indege mugabo bisa nka ya ngendo ijanye no kurementanya kuko nibo bacungera ikibuga c-indega, nibo bacungera imbibe zose (…) Raporo y-umwaka turatanga vyose ukwo inzego zikuru z-umugambwe zubatswe kandi kuva umugambwe CNL ubaho, mu nzego nkuru z-umugambwe , ntaryo zina rya MAGERA wosangamwo»

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments