UBM News ads

Abarundi bakeneye ibitabo vy’inzira basaba Perezida Ndayishimiye kugira icakoze kugira abitura ikigo cahoze citwa PAFE bave mu kaga barimwo.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abarundi  bamaze igihe bashaka ibitabo vy’inzira basaba umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye  kugira ico abafashije kugira abitura ikigo kijejwe abinjira n-abasohoka (cahoze citwa PAFE) bashobore kuva mu kaga barimwo. Abo barundi barerekana ukwo baruhishijwe n-igiturire , aka mwana wa mama, hamwe n-akajagari  karangwa mu gisata kijejwe gutanga izo mpapuro .May be an image of 3 people, child, people standing, outdoors and tree

Uburuhe buvanze n-umwiheburo bw-uw-umunyagihugu amaze igihe kitari gito arindiye igitabo c-inzira bita « Laissez-passer»,  aravuga ingene yarondeye igihe kinini urwo rupapuro mu nyuma aratinda arabivamwo :«Naramaze amezi abiri itarasohoka  mu nyuma ndayiheba kumvo zuko  vyase nca mvuga nti  nta kundi yuko bigenze ukwo, nukuri Leta nirabe ibidufashemwo turarushe!».  Uyu nawe aba hagati mu gihugu  ntiyaronse igitabo c-inzira bita «passport» naho yatanze amafaranga menshi y-igiturire yakuye mu buryo buke afise nubu ngo ntararuronka :«jewe natonze indwi zibiri ntararonka formulaire ushobora gutonda n-iy-indi ndwi utarashikirwa , ntuyidepoza kuri gusa, nka jewe ndamaze gutanga amafaranga arenga ibihumbi ijana n-ayandi mafaranga agera ku bihumbi ijana na mirongo itanu nshaka ibintu vyihuta mugabo   gushika nuno musi nsindayironka haheze amezi abiri».

Abo bitura Ico kigo cahoze citwa PAFE  basaba umukuru w-igihugu c-uburundi kwumva ingorane barimwo maze agatorera umuti ico kibazo. «Dusaba umukuru w-igihugu adutunganirize, nukuri turamerewe nabi ! abantu baja kwivuza bakaja kwivuza, abaja kwiga bakaja kwiga, abaja kurondera ubuzima hanze bakigira ariko ntitubuzwe nukutabironswa ivyo bitabo kandi tuba twarishe ibisabwa vyose tutibagiye umwanya wacu twemera tukica» Nikwo bamwe mu bari kuri ahahoze PAFE basaba Perezida Ndayishimiye kubumva amaganya barimwo.

Tubamenyeshe ko ata gihe kinini kihaciye, Mbonimpa Maurice arongoye ibiro bijejwe kuraba abinjira n-abasohoka  atangaje ko imirongo miremire y-abashaka ibitabo vy-inzira mw-ico kigo igiye kurangira kuko bari bahejeje kuronswa ivyuma bishasha bije kwiyongera kuvyahari  maze bikazokworohereza cane ibikorwa vyo mw-ico kigo , kuko ngo bizoshobora guhingura  ivyangombwa  200  mu kiringo c-isaha imwe, nkuko uwo arongoye ico kigo yari yavyiganiye ikinyamakuru Jimbere Magazine.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments