UBM News ads

Imfashanyo ya mbere ya miriyoni 214 z-amanyaburaya igiye gutangwa ku burundi n-umuryango w-ubumwe bwa buraya.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Amafaranga y-abanyaburaya  angana na miriyoni 214 (214€) niyo agiye gutangwa  ku burundi n-umuryango w-ubumwe bwa buraya.  Iyo mfashanyo yo mu kiringo c-imyaka ine ikaba ibaye iyambere itanzwe n-uwo muryango inyuma y-ikiringo kirenga indwi  kihaciye uburundi bukuweko ibihano vy-ubutunzi bwari bwarafatiwe n-uwo muryango mu mwaka wa 2016.May be an image of 2 people, people standing and indoor

Ivy-iyo mfashanyo y-ayo mafaranga bikaba vyatangajwe kuri uyu wa gatanu na Jutta Urpilainen , umukomiseri mukuru w-ubumwe bwa buraya mu murwi ujejwe gukorana n-ayandi makungu  mu mubonano yagiranye n-umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye , iyo ari mu gihugu c-ububirigi ku cicaro gikuru c-umuryango w-ubumwe bwa buraya ahariko habera inama idasanzwe igira gatandatu  yo gufashanya hagati y-ibihugu  bigize umuryango w-ubumwe bwa Afrika hamwe n-ubumwe bwa buraya.

Mw-ayo mafaranga agiye guhabwa  igihugu c-uburundi , imiriyoni 194 y-abanyaburaya agiye kuzofasha mu bikorwa vy-iterambere hamwe n-izindi miriyoni 20 zizofasha mu gikorwa co gikingira ibinyabuzima.

 

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments