Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho agateka ka zina muntu kw-isi Human Rights Watch riranegura ingene Leta zunze ubumwe za Amerika hamwe n-umuryango w-ubumwe bwa buraya ku kuntu baguma biyobagiza ihonyangwa ry-agateka ka zina muntu rikorwa na Leta ya Perezida Ndayishimiye. Human Rights watch igasaba Leta zunze ubumwe za Amerika hamwe n-ubumwe bwa buraya kudahesha mu kugondoza Leta y-uburundi kugira yubahirize agateka ka zina muntu. Biri mw-itangazo iryo shirahamwe ryasohoye kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 8 Ruhuhuma 2022.![Burundi: Évariste Ndayishimiye prête serment devant une grande foule [Jean Mitari – Jambonews, 19.06.2020] - L'HORA](https://l-hora.org/wp-content/uploads/2020/06/ndayishimiye.jpg)
Kuva ashitse ku butegetsi mu mwaka w-2020, Umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye ntaco yigeze ahindura mu bijanye n-ihonyangwa ry-agateka ka zina muntu . Mu rwandiko rwashizwe ahabona kuri uyu wa kabiri na Human Rights Watch, rimenyesha ko abantu baguma bicwa, bagafungwa bazira ubusa , abandi nabo bagatotezwa atacamira. Ahanini ivyo bigakorwa n-urwaruka rwegamiye umugambwe CNDD-FDD, imbonerakure, inzego z-umutekano n-iyindi mirwi y-inkozi z-ikibi. Human Rights Watch ikavuga ko inegura cane ingene Leta zunze ubumwe za Amerika co kimwe n-ubumwe bwa buraya bitegekanya gukuraho ibihano Kuri Leta ya Perezida Ndayishimiye mu gihe ivyatumye ifatirwa ibihano kuva hagitwara umuhisi Perezida Nkurunziza ata nakimwe kirahinduka .
Iryo shirahamwe mpuzamakungu rijejwe ivy-agateka ka zina muntu rikamenyesha ko naho harimwo ibinyamakuru vyigenga vyuguruwe mu Burundi, na bamwe mubaharanira agateka ka zina muntu barekuwe, hakiri vyishi bigihaze : gushika ubu abatavuga rumwe na CNDD-FDD baracahohoterwa, abandi bagahirwa hatibagiwe abaharanira agateka ka zina muntu bashizweko imitahe y-akarenganyo bari mu buhungiro bakanacirirwa imanza bidakurikije amategeko . Vyongeye, Human Rights Watch ivuga ko ahanini ivyo umukuru w-igihugu c-uburundi yemereye abarundi n-amakungu mu ndahiro yiwe mu bijanye no kunywanisha abarundi mu ndyane zihitiye mu gihugu ata na kimwe yigeze ashira mu ngiro. Ivyo bigaragarira ku mabi akorwa mu gihugu na bamwe mu bagize intwaro yiwe hamwe n-ibiziga bidasiba gutorwa hirya no hino mu gihugu na cane cane ku nkengera z-uruzi Rusizi mu ntara ya Cibitoke n-ahandi.
Human Rights Watch imenyesha ko bamwe mu baharanira agateka ka zina muntu basigaye mu Burundi bavuga ko abantu barenga ijana aribo bamaze gupfa mu gihugu mu mwaka urenga Evariste Ndayishimiye amaze ari ku butegetsi . Ayo mashirahamwe akabandanya asaba ayari hanze kusemerera kugira habe impinduka ku bwicanyi n-ayandi mabi abarundi barimwo.
Kubwa Human Rights Watch, ngo kuba Leta Zunze ubumwe za Amerika n-ubumwe bwa buraya ataco bivuga ku biba mu Burundi sukwo batabibona ahubwo nuko vyahisemwo kwirabira hirya vyizeye ko Leta ya Perezida Ndayishimiye izikubita agashi ikubahiriza agateka ka zina muntu, ivyo itariko irakora uyu musi kuko ubwicanyi n-ihonyangwa ry-agateka ka zina muntu aho kugabanuka, birushirizaho kwiyongera mu Gihugu.
Human Rights Watch isaba nyabuna Leta zunze ubumwe za Amerika n-ubumwe bwa buraya kudahengeshanya kugondoza Leta ya Evariste Ndayishimiye kugira agateka ka zina muntu mu Burundi kubahirizwe.





Recent Comments