Urunani rw-amasendika y-abigisha Cosesona rumenyesha ko rwiyamiriza ikumirwa ririko riribonekeza mw-itegurwa ry-inama rukokoma yiga ibibazo bihanze igisata c-indero mu Burundi. Biri mu rwandiko urwo runani rwandikiye umushikiranganji w-indero kuri uyu wa 4 Ruhuhuma 2022 .
Urwo runani rusigura ko abigisha badahabwa ikibanza mw-iryo tegurwa ry-iyo nama rukokoma maze ngo bumvirizwe ndetse batange intererano zoja mu nteguro ziberekeye ziriko zitunganywa. Mw-urwo rwandiko, COSESONA iributsa ko ibiganiro n-intererano z-umwigisha vyamye ari kirumara , rukanibaza impamvu abigisha bakumiriwe mw-iyo nteguro y-inama rukokoma igiye kwiga igisata c-indero mu Burundi kandi bari kubemenyeshwa ibiriko bitunganywa mu bushikiranganji bubegukira.





Recent Comments