UBM News ads

Venant Niyomwungere, umumenyeshamakuru wa radiyo BONESHA FM araye ijoro rya mbere mu gasho.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umumenyeshamakuru wa Radiyo BONESHA FM, Venant Niyomwungere araye ijoro ryiwe rya mbere ryo kuri uyu wa kane mu gasho inyuma yo gufatwa aja kwumvirizwa ikiringo c-amasaha atatu. Uwo mumenyeshamakuru akaba yafashwe  igihe yaragiye gutohoza ibijanye n-umuriro wadutse ahakorera BSR,muri Zone ya Buyenzi, mu gisagara ca Bujumbura.May be an image of 1 person

Nkuko tubisoma ku rubuga rwa Radiyo BONESHA FM, Niyomwungere ngo yasabwe n-umwe mu ba polisi bakorera aho muri BSR  amafaranga ibihumbi cumi na bitanu vy-amarundi (15000FBU) ni ukuvuga amafaranga ibihumbi cumi (10.000FBU) ngo abe ayo bita «bougie» hamwe na bitanu (5000FBU) vy-uko  uwo mu polisi arare neza ico kuyamwaka yise «VIP».

Venant Niyomwungere akaba yagerageje kwerekana ikarata  y-akazi imuranga , niko guca asabwa ko yotumako umwe muba murongoye kw-iradiyo kugira amwemeze, uwo nawe agiye asanga wa mu polisi yamaze gutaha.  Uburero Niyomwungere akaba araye mu gasho kubera ko abamurongoye kw-iradiyo batabonanye n-uwamufashe.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments