Burkina Faso: Perezida Christian Kaboré n-abandi bategetsi bari mu minwe y-abasirikare bafashe ubutegetsi.

Akarwi k-abasirikare karongowe na Lieutenant-Colonel Paul-Henri Sandaogo Damiba katangaje ku mugoroba wo kuri uyu wa mbere biciye mw-itangazo ryasohowe ko kahagaritse ubutegetsi bwa Perezida Roch Marc Christian Kaboré. Iryo tangazo rivuga kandi ko abo basirikare bahagaritse Leta hamwe n-inama nshingamateka hamwe n-ibwirizwa shingiro rya Burkina Faso.
Abo basirikare bamenyesheje kandi ko bamwe mu bategetsi bahahora bapfungiwe mu kibanza batashimye kumenyesha. Kuri uyu wa mbere hiriwe hacanako amasanamu n-amareresi yerekana ingene imiduga irerura umukuru w-igihugu zaraye zicucagiwe amasase. Gusa Umugambwe uri ku butegetsi MPP ariwo Perezida Kaboré yaturukamwo wari watangajeko umukuru w-igihugu Christian Kaboré yarahaye ahatswe kugandagurwa.





Recent Comments