Umushingamateka Leonard Nyangoma amenyesha ko abaheruka kutangaza kuri uyu wa kabiri ko bamukuye ku burongozi bw-uwo mugambwe ari ivyaduka ndetse akanabafata nk-abarwayi bo mu mutwe. Ikindi, Nyangoma arongera akibutsa ko ako karwi katangaje ko kamukuye ku burongozi bw-uwo mugambwe atari iryambere kagerageraza kusambura uwo mugambwe, agirako anamenyesha ko uwo mugambi yitwa «mubi» atawo bazigera bashikako.
Leonard Nyangoma abivuga uku:« Biragoye kugaruka ku bintu vyavuzwe n-abantu biboneka ko badakomeye mu mutwe, Abo ba KOBAKO ni akarwi gato ndetse nta bwo kaza kavuga ko kakuye inzego z-umugambwe. Abo bantu biyadukije ni abantu bashaka gushinga ivyibare mu mugambwe, mu gushinga za nyakuri ariko rero ntibazi abashinze nyakuri mu migambwe bitabereye»
Leonard Nyangoma aravuga uwitwa Gaspard Kobako yarasanzwe ari umuvugizi w-uwo mugambwe , ubu agiye kurongora ivy-imfatakibanza uwo mugambwe ko atari irya mbere ageragerageza gucamwo amababa umugambwe CNDD. Aha Nyangoma agatanga akarorero ko mu mwaka w-1998 aho Uwo KOBAKO yagerageje gusambura CNDD, ico gihe wari ukiri umuhari urwana mu nyuma biramunanira nikwo guca aja mu muhari KAZE FDD. Nikwo guca agaruka mu mwaka w-2014 asaba kwinjira muri CNDD, ivyo Nyangoma avuga ko yarazi ko KOBAKO aje yarahindutse umuntu agereranije ukwo bari bamuzi muri kahise.





Recent Comments