Abasirikare b’uburundi barabandanya kujanwa ku bwinshi muri Congo kurwanya umuhari wa RED-TABARA.

0

Abasirikare b’uburundi barabandanya kujanwa ku bwinshi  muri Congo kurwanya umuhari wa RED-TABARA.Le secrétaire général des Nations Unies condamne le meurtre de trois  militaires burundais en RCA - SOS Médias Burundi

Kuva mu mpera z-ukwezi kw-icumi kwa Kigarama 2021, Haravurwa abasirikare b-uburundi barikumwe n-urwaruka rw-imbonerakure (rwegamiye umugambwe CNDD-FDD) baguma bajanwa ku bwinshi ku butaka bwa Republika iharanira intwaro rusangi  muri teritwari ya Uvira mu ntara ya Kivu yo mu bumanuko  kugira batuze  umuhari urwanya Leta y-uburundi  RED-TABARA .Kuva ico gihe intambara zaciye zitangura gusutama hagati y-izo mpande zibiri zose. Aho hanavurwa abasirikare b-uburundi barikumwe n-imbonerakure barenga 40 boba bamaze kuhasiga ubuzima hamwe n-abahakomerekeye, nkuko bitagazwa n-ikinyamakuru Sos Médias Burundi  candikira ku rubuga ngurukana bumenyi.

Kubw-amakuru ava mu gisirikare c-uburundi, nuko ku musi w-Imana hamwe no kuwa mbere ku magenekerezo ya 16 na 17 Nzero 2020, Abasirikare b-uburundi bajabutse muri Kivu yo mu bumanuko babanje  guhabwa umwumwe amafaranga angana 80.000 Fbu, amahera yiswe ayo kwivuna akanyota  bongera bahabwa n-impuzu za gisivire zigizwe n-ipantaro, agapira hamwe n-ikoti y-imbeho. Abo basirikare bakaba bagiye gusangayo abandi  barenga 1500 bamazeyo ukwezi kurenga. Kubw-ayo masoko nyene abandanya avuga ko abo basirikare babanje gukoreshwa imyimenyerezo y-ingendo ndende aho bagize urugendo bava mw-ishamba cimeza rya Rukoko riri muri komine Gihanga (Bubanza) gushika muri Komine Mabayi  mu kibira.  Mu kujabuka uruzi Rusizi baciye mu Rukoko aho bita kuri «ferme». Abasirikare banse ko bagenda bafise ibirwanisho kandi bambaye gisivire baciye bashirwa mu gasho aho bamwe bafungiwe mw-ikambi ya Gakumbu abandi nabo mu Gatumba.

Leta y-uburundi ntaco irashima kugira ico ivuzeko kw-ayo makuru amaze imisi avurwa ajanye n-abasirikare bayo binjiye ku butaka bwa Congo. Ariko amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike mu ntara ya Kivu yo mu bumanuko aguma atangaza ko babona imirwi y-abitwaje ibirwanisho yambaye imyambaro y-igisirikare c-uburundi irikumwe n-imwe mu mihari ya Twigwaneho na Gumino ituruka mw-ico gihugu ari nayo igenda ibereka ahatuye ibirindiro vy-abaroberi ba RED-TABARA.