Bamwe mu bashingamateka basaba umuco ku basirikare bahohoterwa mu nyuma bagapfa bari muri «centre commando» i Gitega.
Igihe hariko hirwa kuri uyu wa mbere impinyanyuro zarungitswe n-inama nkenguzamateka ku nteguro y-ibwirizwa rigenga abapolisi, Bamwe mu bashingamateka basaba inama nshingamateka kugira ico ishikirije kubijanye n-umutekano uvurwa ko uhungabana muri «centre commando» i Gitega, ahasanzwe hakorerwamwo imyimenyerezo ku basirikare b-inkofero y-icatsi ki bisi bita aba «commando». Ni inyuma yaho bimenyekaniye ko hari abasirikare indwi bagizwe n-intwazangabo imwe bapfiriye mu myimenyerezo yo mw-ico kigo c-aba commando i Gitega, bikavurwa ko vyaturutse ku mahiri bakubiswe n-abajejwe kubakoresha iyo myimenyerezo bita aba «instructeurs commmando» mu rurimi rw-igifaransa.
Icegera c-uwurongoye umurwi wamaho ujejwe ibibazo vyo kwivuna abansi n-umutekano abona ko koba ari akamaramaza urwego arimwo rutabikoze. Gaston SINDIMWO asaba ko uwo murwi woronswa uruhusha rwo kwishikirayo. Kw-ico kibazo, Umukuru w-inama nshingamateka Daniel-Gelase Ndabirabe asaba abo bashingamateka bari mw-uwo murwi kubanza gutunganya urwandiko rujanye n-ivyo bivurwa ko bibera mw-co kigo ca gisirikare kiri i Gitega.
Gushika ubu, igisirikare c-uburundi ntaco kirashima kugira ico gishikirije ku makuru yavuzwe ajanye n-abasirikare indwi baheruka gupfira mu myimenyerezo y-igikomando i Gitega biturutse ku mahiri bakubiswe.